IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ikigo n’amategeko agenga abakorera bushake (volontaires) bigiye (...)

Ikigo n’amategeko agenga abakorera bushake (volontaires) bigiye gushigwaho

mardi 5 Kigarama 2017, par Egide NDUWIMANA

Umushikiranganji Jean Bosco Hitimana ashikiriza ko umugambi wo gukora ku bushake ufasha urwaruka kwijukira ibikogwa rukareka kwama rurindiriye aho Reta izobahera akazi.

« Urwaruka ruri mu bushomeri rutera rwiyongera ku buryo kuronka akazi ari ikibazo gikomeye ku rwaruka. Umugambi wo gufasha urwaruka gukora ku bushake urabafasha mu kuronka ubumenyi, kumenyera akazi bagaheza bakishingira n’amashirahamwe yo kwiyungunganya. »

JPEG - 149.3 ko
Jean Bosco Hitimana, umushikiranganji ajejwe urwaruka, inkino n’imico kama

Kezimana Marie Ange asanzwe ari mu kigo SERUKA, akaba ari mu rwaruka ruri mu bakora ku bushake mu mugambi PBF (Peace Building Found) amenyesha ko ari intambwe nini bungukira mu gukora ku bushake.

"Ndaronkera ubumenyi bwinshi bigatuma menyera akazi. »

JPEG - 122 ko
Kezimana Marie Ange asanzwe ari mu kigo SERUKA, akaba ari mu rwaruka ruri mu bakora ku bushake mu mugambi PBF (Peace Building Found

Marie Ange Kezimana ahamagarira urundi rwaruka kwijukira gukora bitanga, kandi birinde ubunebwe.

Benjamin Flowein aserukira abakorera bushake ba ONU mu Burundi, amenyesha ko mu myaka ine umugambi wo gufasha abitanga bakora ku bushake umaze, ivyashitsweko bitari bike, akamenyesha ko intambwe ikiri ndende. Ahamagarira abikorera utwabo mu Burundi gufasha urwaruka kugira baronke ubuzi.

JPEG - 133.8 ko
Benjamin Flowein aserukira abakorera bushake ba ONU mu Burundi

Umugambi PNVJ ukorera mu ntara 3 arizo Gitega, Ngozi na Bujumbura Mairie. Urwaruka rugera kuri 504 rukaba rumaze gufatwa mu mugongo n’uwo mugambi watanguye mu mwaka wa 2014.


Pacifique BUKURU

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.