Accueil > Amakuru > Poritike > Imigambwe itanu yandikiye Benjamin MKAPA
Imigambwe itanu yandikiye Benjamin MKAPA
vendredi 21 Mukakaro 2017, par
Keffa NIBIZI, umukuru w’umugambwe SAHWANYA FRODEBU NYAKURI IRAGI RYA NDADAYE usanzwe uri mu yandikiye umuhuza MKAPA, yamenyesheje ko bitangaje kubona hatumirwa abayitirira imigambwe kandi hari abakuru bayo bazwi kandi bemewe n’amategeko.
"Iyo migambwe yaratangajwe n’ingene hatumirwa abantu biyitirira imigambwe kandi basanzwe baronderwa n’ubutungane, hirengagijwe abarongoye imigambwe batari bake basanzwe bariko baritegurira amatora yo muri 2020."
Nk’uko biri mw’itangazo iyo migambwe yasohoye, abatumirwa mu biganiro boba abatuma bitera bija imbere, kuko kubwa Keffa NIBIZI, ni kenshi abatumiwe i Arusha bataha baticaranye canke batavuganye. Iyo migambwe ikavuga iti : "Twaramenyesheje umufasha w’umuhuza ko kugira ibiganiro bitere imbere hotumirwa imigambwe yose yemewe n’amategeko hisunzwe ingingo za 2248 na 2279 z’inama ya ONU ijejwe amahoro n’umutekano."

- Bamwe mu bakuru b’iyo migambwe itanu yandikiye umuhuza
Abo banyeporitike bandikiye umufasha w’umuhuza bamusavye ko ibiganiro bisanzwe bibera i Arusha muri Tanzaniya vyotahukanwa bikabandaniriza mu Burundi. Iyo migambwe isaba kandi ko ivyo biganiro vyosozerwa vuba kugira ibivuyemwo bishobore kwunganira mw’ihinyanyurwa ry’ibwirizwa shingiro.
Abateye umukono kuri urwo rwandiko rw’migambwe itanu ititavye amatora yo mu 2015 yandikiye umufasha w’umuhuza ni Keffa NIBIZI arongoye SAHWANYA FRODEBU NYAKURI IRAGI RYA NDADAYE, BANZAWITONDE Gabriel wa APDR, Kassim Abdoul wa UPD ZIGAMIBANGA, Alice NZOMUKUNDA wa ADR, hamwe na NZISABIRA Astere, umunyamabanga mukuru w’umugambwe PL. Itatu muri iyo migambwe (SAHWANYA FRODEBU NYAKURI IRAGI RYA NDADAYE, ADR hamwe UPD ZIGAMIBANGA) iri mu yisanzwe ihora itumirwa kandi igaserukirwa mu biganiro bibera i Arusha.
Egide NDUWIMANA
Messages
28 Mukakaro 2017, 17:14, par Umurundi
None nyene ko hatumirwa abagira ico bapfa kugira baganire none nk’ abo botumirwa kugira bavuge iki kandi ari aba CNDD/FDD bitirirwa imigambwe bivye beneyo. Syiiii! Barashisha.