IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe itavuga rumwe na reta yabujijwe kugira inama

Imigambwe itavuga rumwe na reta yabujijwe kugira inama

lundi 19 Munyonyo 2012

Kuruyu wa mungu igipolisi carabujije kunguvu imigambwe itavuga rumwe na reta ihurikiye murunani ADC-Ikibiri gushika mu Gatumba gushikigikira umugambwe FRODEBU mu nama wari wategakanije. Abantu barenga cumi barakomeretse. Uwurongoye iyo migambwe avuga ko yari ifise uruhusha. Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mugihugu yemeza ko hari hasavye uruhusha umugambwe umwe gusa, ngo ntagituma hari kujayo imigambwe irenga itandatu.

Kuruyu wa mungu italike 18 ukwezi kwa Munyonyo igipolisi cakoresheje ivyotsi bikoroza amosozi kugirango kibuze kurengana abantu barenga amajana abiri bo mu migambwe itavuga rumwe na reta bari bagiye mu Gatumba mu nama. Iyo nama yari yateguwe n’umugambwe FRODEBU hanyuma uca utumira iyindi irenga itandatu bicuditse. Abanywanyi b’iyo migambwe bagiye bambaye imyambaro ibaranga. Igipolisi gica kirababuza kuregana n’abo baranka. Haciye haba uruhagarara rwamaze amasaha arenga abiri ibarabara ryugaye atawuregana.

Leonce Ngendakumana arongoye urunani ADC-Ikibiri avuga ati "Twebwe twari dufise uruhusha kanatsinda amategeko avuga ko tudasaba uruhusha ahubwo tumenyesha gusa ubutegetsi, ivyo navyo abaduserukira mu Gatumba barabikoze". Yongerako ko atakindi bigamije atari ukuburabuza ibikorwa vy’imigambwe itavuga rumwe na reta. Uwo arongoye ADC-Ikibiri yagiriza ubutegetsi ko budashaka ko iyo migambwe ishikira abanywanyi b’ayo hagati mu gihugu. Nabajije Leonce Ngendakumana igituma bashimye kugenda ari imigambwe myinshi kandi hasavye uruhusha umugambwe umwe, yishura ko imigambwe yose iri mu runani ADC-Ikibiri yafashe ingingo yo gukorana ibikorwa vyose harimwo no kugira ama nama.

JPEG - 12.6 ko

Umuyobozi mukuru w’igipolisi Ndayambaje Andre avuga ko yatanze uruhusha rwo kubuza urwo rugendo kuko ngo yari imyiyerekano itarekuwe n’amategeko. Ku kibazo c’uko bakoresheje inkoho mu bantu atabirwanisho bafise, iyo ndongozi mu gipolisi yishura ko abapolisi barashe hejuru kugira batere ubwoba abobantu hanyuma basubire inyuma.

Abantu barenga cumi barahakomerekeye. Hari n’abandi bakubiswe harimwo n’umufasoni Euphrasie Bigirimana yahoze ari umushikiranganji w’ubudandaji.

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yamenyesheje ko iyo migambwe itavuga rumwe na reta atakindi ishaka atari gutyoza ubutegetsi. Aremera ko umugambwe FRODEBU wari wasavye uruhusha wo gukorera mu Gatumba ariko ngo ntayindi migambwe yari yemerewe kujayo. Asaba iyo migambwe kutaja irirengagiza amategeko.

Amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike ahurikiye mu runani FORSC abona ko uburenganzira bwo kugira ama nama buguma buhonyangwa mu Burundi cane cane ku migambwe itavuga rumwe na reta. Pacifique Nininahazwe atwara FORSC avuga ko vyerekana ko intwaro rusangi iriko irasubira inyuma.

Asaba umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu ajejwe itunganywa ry’imigambwe kunganisha imigambwe yose mu burenganzira kuko ngo n’umugambwe uri ku butegetsi uragira ama nama menshi ataco winona. Asaba kandi umukuru w’igihugu gutanga ijambo ry’ihumure.

Twibutse ko no ku munsi wa mungu uheze italike 11 z’uku kwezi, igipolisi cabujije iyo migambwe itavuga rumwe na reta gushika mu Rumonge mu ntara ya Bururi, aho hari hateguwe inama y’umugambwe CNDD. Naho nyene harakoreshejwe inguvu, abanywanyi b’iyo migambwe barazibira ibarabara ikiringo kirenga amasaha atanu.


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.