IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Imiryango 157 y’abarundi yahora mw’ikambi y’impunzi i Nduta yahungutse

Imiryango 157 y’abarundi yahora mw’ikambi y’impunzi i Nduta yahungutse

mercredi 1er novembre 2017

Amakuru ava mu giporisi c’Uburundi amenyesha ko bose hamwe ari abarundi 599 bava mu ntara za Cankuzo na Ruyigi, bagizwe n’abagabo 268 hamwe n’abakenyezi 291 n’abana.

Ibigo bine, ic’i Gitara mu ntara ya Makamba, ic’i Songore mu ntara ya Muyinga n’ibigo vya Nyabitare na Ruyigi vyo mu ntara ya Ruyigi nivyo vyateguwe kugira vyakire abahunguka bava mu gihugu ca Tanzaniya.

Mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bamenyesheje ko igikorwa c’ugutahukana impunzi z’Abarundi kizobandanya gushika kw’igenekerezo rya 31 Kigarama 2017, abarenga ibihumbi 12 bakaba aribo bitezwe.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.