IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > "Imishahara y’abasirikare b’Abarundi itegerezwa guca mu kigega ca (...)

"Imishahara y’abasirikare b’Abarundi itegerezwa guca mu kigega ca Reta"

vendredi 4 Munyonyo 2016, par Egide NDUWIMANA

Reta y’Uburundi ishikiriza ko itarota yemera ko imishahara y’abasirikare b’Abarundi barungitswe kugarukana amahoro muri Somaliya ibashikira itabanje gucishwa mu kigega ca Reta y’Uburundi.

Umushikiranganji w’ukwivuna abansi, Emmanuel NTAHOMVUKIYE avuga ko ivyashikirijwe n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya, ko imishahara y’abasirikare b’Abarundi bari muri Somaliya izohora ishikirizwa abo basirikare nyene itabanje gucishwa mu minwe ya Reta y’Uburundi bidashoboka, kuko amasezerano y’ukurungika abasirikare muri AMISOM avuga ko ingabo ziguma zihembwa n’ibihugu vyazirungitse.

Kubwa Emmanuel NTAHMVUKIYE, mu gihe ayo masezerano yohinduka abasirikare b’Abarundi bagahembwa n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya, vyogira ingaruka zikomeye ku burongozi hamwe n’indero, kuko nk’uko yabishikirije, umusirikare iyo utakimuhemba biragorana kumusuzuma hamwe n’ukumugenzura mu bikorwa vyiwe.

Uwo mushikiranganji w’ukwivuna abansi yabishikirije kuri uwu wa kane, mu gihe inama nshingamateka y’Uburundi yari yatumyeko abashikiranganji babiri, Emmanuel NTAHOMVUKIYE ajejwe kwivuna abansi, hamwe na Alain Guillaume BUNYONI ajejwe umutekano. Abashingamateka bafashe ijambo basavye uwo mushikiranganji ko yoba arategura abasirikare b’Abarundi, kuko bibaye ngombwa Uburundi buzobavana muri Somaliya.

JPEG - 264.5 ko
Abashikiranganji babiri, Emmanuel NTAHOMVUKIYE (i buryo) ajejwe kwivuna abansi, hamwe na Alain Guillaume BUNYONI (i bubamfu) ajejwe umutekano nibo batumweko mu nama nshingamateka

Umukuru w’inama nshingamateka Pascal NYABENDA akabona ko vyari bikwiye ko igikorwa c’uguhemba abasirikare b’Abarundi bari muri Somaliya cokurwa mu minwe y’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya, kigahabwa ishirahamwe mpuzamakungu ONU kuko nk’uko yabishikirije, ubumwe bwa Buraya buza imbere mu mashirahamwe yagiranye ibibazo na Reta y’Uburundi, n’ubu rikaba rigihagaze ku ngingo ryafatiye Uburundi.


IGIHE

Messages

  • oya izondarangavye zacu niziyizire mugihugu camavukiro barekana nabobagateranya babazungu kuko barugereka ntibifurizineza uburundi, ibihugu vyinshi vyararungitse abasoda murisomariya nikuki iyongingo ifatiwe abasoda babarundigusa? ako nakarenganyo kandi harikintu cinyegejinyuma yiyongugo kuko ntivyumvikana. nibitahire bazegufuta ayabandi bafata nakare ivyobitaraza baribabayeho, abazungu babonyeko ibihano vyose bafatiye abarundi ko vyabayifagusa noneriraniga nibindi bizobifagusa. koma Shetani......

  • Nkurunziza akiwe karashobotse! Ama robinets yose, n’inzuzi zose, be n’ibiyaga vyose yahora avomamo amadevize amakungu aravyugaye. Ubu agiye kwicwa n’inyota n’inzara shahuu!

  • Mwakira iki none ko abayakoreye aribo bayahabwa? Reka kubarya imitsi ngo imiryango yabo itubike umukanda namwe muhage ivyo bacumukuriye,exposer ku rupfu! Iyaba biciye mukuri ataco bayatwarako mwabareka bakayahabwa none.....!Ubu rero ko bibize umuti bareke batahe ngira amatati yogabanuka!

  • KIJAMBERE URANTWENGEJE CANE, IVYO NDABIVUZE KUBERA BAMWE BOMUNCOREKE ZA NKURUMBI AHERUTSE KUMBWIRA KO NGO WEWE NTAZIGERA ABURA AMAHERA YAGACIRO KUKO NGO ASHORA UBUKI, AMATEKE, IBIJUMBU, AMAVOKA, NIMYIMBATI MUBURUSIYA NO MUBUSHINWA HAHAHAHAHAHA UMUPEREZIDA WUMURIMYI UBU ARIKO ARONDERA UMUVURATI MURI NIGERIA AZOZA ARAGWISHA IMVURA MUMIRIMA YIWE!!!!!!!!!!! REKA RERO INGABO ZIRI MURI SOMALIE ZITAHE ZIZE ZIRAJA KUMUCUNGIRA IMIRIMA AHEZA ABAHEMBA AMA DEVISE.

  • UYO MUKUNGU WAMAFIME ARATUKISHIJE IZINA RYASE NGO NI BUNYONI!!!!!!! BUNYONI PERE YARI INTUNGANE YUZURIZA ABANTU AKABA NUMURWANEZA. NONE BACIYE UMUGANI NGO UMUGABO AVYARA IMBWA UBWICANYI, UGUSAHURA ITUNGA RYIGIHUGU, ubu escro; NIVYO BIMWUZUYEMWO GUSHIKA NAHO ATANGA MUKURUWE LODRIG BAKAMWICA!!!!!!!!!! NIMWIYUMVIRE ABOBATWARE DUFISE UNOMUSI.

  • erega ivyo bakora abo bandi bamategeko amakungu arabibona kandi bitebe bitebuke iyo reta y’igikenye izosenyuka kandi ariyo yiriye ubwayo

  • Haaaqqqqq,murakubititse,muveyo hajyeyo abandi,...imbehe ngo bayiiiii

  • Ntakibabaje nkokubona hakiriho mwikigihe uburundi atabona ko abobanye Bulaya ivyobadukoze kera bakaducamwo ibice bagafata abarundi bamwe bakabemezako aribo bafise ijambo mugihugu gusumba abandi maze nabo kubera harikeranyene tugifise ubwenge bwakiriyagihe muraziko nokwambara bitaribituneze turaheza turemera ivyobatubwiye mbere ubigereranije neza ntakuntu icabobazungu batubwira twarikucanga kuko twabumvira gusumba uko unomusi abarundi bubaha Imana!
    Murumva ukuntu badushizemwo uburozi twaritumaranye imyaka nimyaniko?
    Uburero babonye twarabahinyuye turamenyako aribobaribarononye abarundi kotwese mubudasa bwacu nkuko Imana yaturenye bidasigura kodusumbana baciye barondera ikindi cotuma muburundi haduka akandikandu kokuducanishamwo bakoresheke mugufata bene mugabo umwe abasirikare bu Burundi mukubacamwo ibice bibiri!!!
    Ntasoni murabona abarundi bikigihe mushobora kubabesha mukabamanyuramwo ibicebibiri bigakunda?
    Ehenimurabe benewacu babarundi barasinvye binjira mubasirikare buburundi bagiye gutabara mubindibihugu babigisha bababwirango mwebwe turabakunda cane kandi ntidushaka komwobura mwibibikorwa vyogutabara ngorero tugomba kuzoza turabihembera amaherayanyu ararinze gucishwa muri reta yuburundi!
    Barundi barundikazi murumva akokamaramaza gaturuka mubihugu twita ngovyarateye imbere!?

    Ahorero sikindibashaka bashaka abari abasirikare bigihugu kimwe cu Burundi batangure bibonemwo ko batari umwe, nkuko baduhendeye basogokuruza bakisanga mukintucitwa ngo sibanwe ngihariho abarundi benerewe gutwara nabandi batemerewe gutwara kandi ntibaribo kuko umuzungu bamubona nkimana.
    Message noha abazungu nobabwirako ivyomwadukoze kiriyagihe ubuntibishonoka abazobajurikira ntibazobura ariko tuzobahasha binashobotse tubajaniranye namwe numujinyanakantu uvanye nukuntu mwigeze kutuhendera basogokuruza mukabasukamwo amacakubiri kandi bataribabibasavye bukabaroga nurugirankana.

  • Jewe ndi umusirikare ndi muri Somaliya nukuri vyotubabaza cane hamwe bohirahira bagafata ingingo yo kudusubiza muburundi kandi akanya kazi ariko katuma imiryango yacu ibaho.jewe ndibaza kwatakindi tuzoba dusigaje atarugufa. Abategetsi bose bazoba batumye ibi vyose biba nuguhigana nkimbwa na kagomba. Nukubarasa abo basuma bariko banyaga igihugu

  • Haaa!Muraraba neza igitumye bashaka kubihembera bwa minwe!Erega ico ciyumviro naho reta itacumva,biragaragara nezako abayakorera aribo bagitanze vyumvikanako baronswa intica ntikize kndi aribo bawota!Oh,timba murahinyutse!

  • Haaa!Muraraba neza igitumye bashaka kubihembera bwa minwe!Erega ico ciyumviro naho reta itacumva,biragaragara nezako abayakorera aribo bagitanze vyumvikanako baronswa intica ntikize kndi aribo bawota!Oh,timba murahinyutse!

  • Abo Bazungu BAguma Bakubita Amagendera Bahiga Imgene Botamurudubi Uburundi.Ntibazi Ko Agati Kateretswe N,IMANA katahenurwa N’umuyaga?.

  • GUSHIKA NAHO ATANGA
    MUKURUWE LODRIG
    BAKAMWICA !!!!!!!!!!WARABONA IGIHE YAMUTANGA? WEWE NURYE IMDYA HAMA URYAME. KIRIMWO ABAGABO MUZOGUMA MUTUNYE IYO MURI MURINDIRE KO IGIHUGU GIHENUKA NGO MWANDURE MUBURE. NAHO ABASODA BOTAHA NONE PACIFIQUE NABO BARIKUMWE BAZOCA BATAHA?

  • GUSHIKA NAHO ATANGA
    MUKURUWE LODRIG
    BAKAMWICA !!!!!!!!!!WARABONA IGIHE YAMUTANGA? WEWE NURYE IMDYA HAMA URYAME. KIRIMWO ABAGABO MUZOGUMA MUTUNYE IYO MURI MURINDIRE KO IGIHUGU GIHENUKA NGO MWANDURE MUBURE. NAHO ABASODA BOTAHA NONE PACIFIQUE NABO BARIKUMWE BAZOCA BATAHA?

  • nibaveyo nakare bakorera abonyene ahubwo turigorewe twebwe abanyagihugu agashara kokatobakwira baramaze kwaguka nukuzotwiba gusa mugabo ntihobura abazokwiruhutsa .

  • NdabaBwire Bantumuri Kwisi Ijambory imana Rivuga Nguwicisha Inkota Nawe Azicishwa Iyindi None Iyo Reta Yubumwe Bwaburaya Idushakakwiki Koyivanga Kumvuburundi Abasirikare Babarundi Barisomari Canke Nahandi Amahera Yabo Ategerezwaguca Muminwe Yareta Y Uburundi Uburundi Imana Irabubona Nibarindire Buzokwogora Batangare Ahubwo Basange Aribo Basigaye Mungorane Zivyo Bakoze !!! Ndabivuze Nitwa Nzeyimana Emmanuel Kurundo Busoni Zone Gisinyi Umutumba Ni Kibonde

  • icombona’yomayomahera,ntiyorinda’guca,kurikonte’yareta?Ubwonubusuma

  • Jewe Numva Ivyo Reta Yuburundi Ivuga Vyumvikana,ariko Nubumwe Bwa Buraya Mugufata Iyo Ngingo Ntihabuze Ico Yabikuyeko.Union Europeenne Na Reta Yuburundi Bazicyare Hamwe Baganire Kuricyo Kibazo Kuko Kirakomeye.

  • jewe niyumvi ko batubura amafaranga kuko bakoze akazi katoroshe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.