IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Impunzi 1607 zigizwe n’abayoboke ba Zebiya zahora mu Rwanda zatashe mu (...)

Impunzi 1607 zigizwe n’abayoboke ba Zebiya zahora mu Rwanda zatashe mu Burundi

dimanche 1er avril 2018

Izo mpunzi, zashitse ku rubibe Uburundi buhana n’Urwanda, nk’igihe c’isaha z’ibiri z’igitondo kur’uyu w’Imana, bari mu modoka nini zisanzwe zunguruza abantu mu gihugu c’Urwanda.

Amakuru ava ku rubibe Uburundi buhana n’igihugu c’Urwanda, amenyesha ko ata mutegetsi n’umwe mu gihugu c’Urwanda yari yaje kubategera, uretse abakora mu gisata kiraba abinjira n’abasohoka, hamwe n’abaporisi bari benshi.

Umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganj bwo gutahukana impunzi mu gihugu c’Urwanda, KAYUMBA Olivier, yavuze ko izo mpunzi zinjiye mu Rwanda kw’igenekerezo rya 7 Ntwarante 2018, zagarutse mu Burundi ku gushaka kwazo.

Umwe muri abo bayoboke ba Zebiya, agishika ku rubibe Uburundi buhana n’Urwanda, yavuze ko bafise icizere ko mu Burundi babakira, kuko batashe mu gihugu cabo.

Abandi bavuze ko bashimye gutaha mu gihugu, hako bemera kwandikwa hakoreshejwe ubuhinga bwa none, nk’uko babisabwa n’ishirahamwe ryitaho impunzi HCR na Reta y’Urwanda.

Impunzi z’abarundi zavuye muri Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo, zashizwe mu makambi atatu nfatakibanza. Abagera ku 1607 bari i Bugesera, 522 bashizwe i Nyanza, abasigaye 394 bagumye i Nyarushishi mu Karere ka Rusizi.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.