IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Imyaka 51 iraheze Michel MICOMBERO akuyeho intwaro ya cami

Imyaka 51 iraheze Michel MICOMBERO akuyeho intwaro ya cami

mardi 28 Munyonyo 2017, par Egide NDUWIMANA

Intwaro ya cami yasenyuwe kw’igenekerezo rya 28 Munyonyo 1966, Capitaine Michel MICOMBERO akaba ariwe yamenyesheje ku mugaragaro ko Uburundi bwinjiye mu ntwaro ya Repuburika. Aho ni mu gihe Umwami Karori NDIZEYE yari mu rugendo muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, urugendo yari yatanguye kuva kw’igenekerezo rya 25 Munyonyo 1966, mu birori vy’uguhimbaza umwaka wa mbere umukuru w’igihugu Joseph-Désiré Mobutu yari amaze afashe ubutegetsi.

JPEG - 21.6 ko
Capitaine Michel MICOMBERO

Umwami Ntare wa 5 Karori NDIZEYE yari yimitswe kw’igenekerezo rya mbere Nyakanga 1966, Ubwami bwiwe butembagazwa inyuma y’amezi atatu gusa.

Inyuma y’imyaka 11 atwara Uburundi nk’umukuru w’igihugu wa Repuburika ya mbere, Capitaine Michel MICOMBERO yakuwe ku butegetsi na Colonel Jean Baptiste BAGAZA yari asanzwe muri ico gihe ari icegera c’umukuru w’ingabo z’Uburundi (Chef d’état-major général adjoint).

JPEG - 36.3 ko
Colonel Jean Baptiste BAGAZA

Kuva Uburundi bwitwa Uburundi gushika mu myaka ya 1960, bwamye butwarwa n’abami. Kuva kuri Ntare Rushatsi Cambarantama gushika kuri Ntare V, abami bagenda barahererekana. Umwami yava ku butegetsi yitavye Imana (Gutanga) canke yihaye ubuki, aho haba ari mu gihe amenye ko umwana azomusubirira yamaze gukura. Ubwo buki yari ishano yanywa agaca yitaba Imana.

Abantu babikurikiranira hafi basigura ko umwana azoba umwami yamenywa na nyina wiwe. Iyo umwamikazi yipfuje ko umwana kanaka aba ariwe azoba umwami, bahengera umwana akivuka bagaca bamupfumbatisha imbuto z’amasaka mu ntoke kugira ngo abantu nibaza kumuraba bapfundurure mu kiganza bazisangeyo. Ivyo navyo vyari vyoroshe, kuko atari umuntu uwo ari we wese yashobora kwegera aho umwamikazi yibarukira.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • Micombero na Bagaza intwali z’u Burundi,muruhukire mu mahoro bantu b’Imana

  • Mr Bizoza,Ur,umwana waso koko.So wawe Canke so wanyu yacishije k,ubuhomba abahutu isinzi n,abatutsi ngo kuko atamututsi nyakuri abaho atari umunya BURURI mumwaka wa 1972 kuva le 29 avril.Nuko nyene ugomba kuba uri muri ka kagwi k,ubu, kaba radicaux ba Pacifique ,quelqu,un d,autre devrait avoir honte d,écrire ce que tu as écrit et porter le nom du tristement celebre bizoza avec minuscule.Hari umugani baca bavuga ngo NTAMUROZI YABUZE UMUKARAVYA kandi amatwi y,ingurube ngo yumva yokejwe.

  • @IBUKA BURUNDI
    Wamubwira iyo ntagondwa Bizoza (nyaguherayo) n’uko ubwira intumva!

  • Burya sivyiza kwandika ibidahesha icubahiro ababisoma kuko baca
    babona intumbero yawe. Iyi si tuzoyisiga aha n’abandi barayisize. Vyiza tworeka kuzizoza inzigo yinzikira tukayireka tugakora ibizodutuma dukora ibizodushikana mu buzima budahera. Duharirane

  • @Ibuka BURUNDI,nyakuranduka ivyo udedemba ngo bagize kuki vyose ubirabira mu moko gusa?Bagaza niwe yubatse Bujumbura ninde wundi wubatse iki igihugu?ayo mazuru murata mwagejeje kuki u Burundi?shame on you

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.