IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Imyaka cumi Uburundi buri muri EAC : Inyungu n’ingorane

Imyaka cumi Uburundi buri muri EAC : Inyungu n’ingorane

mardi 27 Ruheshi 2017, par Egide NDUWIMANA

Isabelle NDAHAYO, umushikiranganji ajejwe iyinjira ry’Uburundi muri Afrika y’ubuseruko amenyesha ko bimwe muvyo Uburundi bwungutse, ari ukworoherezwa kw’abadandaza mu bijanye n’ukudatanga amakori.

"Abikorera ivyabo b’Abarundi barinjiza ibikoresho nkenerwa hamwe n’ibindi bikoresho bikenerwa mu mahinguriro yabo canke bagashorera hanze ata makori n’amatagisi. Ariko bagasabwa kwerekana urupapuro rw’amamuko y’ibintu vyabo (Certificat d’origine)."

Umushikiranganji NDAHAYO avuga kandi ko n’umwanya abadabdaza bahora bakoresha mu ruja n’uruza rw’ibidandazwa wagabanutse.

"Ikamyo yahora imara iminsi 21 mu nzira ikuye ibintu ku kivuko c’i DarEs Salaam canke Mombasa ibizana i Bujumbura ubu ntikirenza iminsi itandatu. Umudandaza w’umurundi yemewe arashobora kuronkera i Bujumbura ibidandazwa vyiwe atiriwe arabisanga ku kivuko c’i Mombasa canke i Dar Es Salaam."

JPEG - 1.2 Mo
Isabelle NDAHAYO, umushikiranganji ajejwe iyinjira ry’Uburundi muri Afrika y’ubuseruko

Uburundi bumenyesha kandi ko bwungutse mu bijanye n’iyubakwa ry’amabarabara, aho umushikiranganji Isabelle NDAHAYO agatanga akarorero k’ibarabara rihuza Uburundi n’Urwanda, hamwe n’uburengero bwa Tanzaniya.

Ingorane ntizibuze

Mu bushikiranganji bujejwe iyinjira ry’Uburundi muri Afrika y’ubuseruko bamenyesha ko zimwe mu ngorane Uburundi bwahuye nazo ari nk’ukwikwega mu bijanye n’ugusanisha amategeko igihugu gisanzwe gikoresha, hamwe n’amasezerano agenga isoko rusangi ry’ishirahamwe rya Afrika y’ubuseruko. Ubwo bushikiranganji buvuga kandi ko Afrika y’ubuseruko itarashobora gushika ku ntambwe y’ugutoreza hamwe amakori n’amatagisi ku rugero rumwe n’indinganizo imwe, ugushiraho ikoreshwa ry’ifaranga rimwe muri iryo shirahamwe. Uwo mugambi w’ikoreshwa ry’ifaranga rimwe ukaba utegekanijwe gushirwa mu ngiro mu mwaka w’2024, nk’uko vyashikirijwe kuri uwu wa kabiri n’umushikiranganji ajejwe iyinjira ry’Uburundi muri Afrika y’ubuseruko, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru.

Kuri izo ngorane zose, umushikiranganji Isabelle NDAHAYO arahumuriza :

"Ukuja hamwe kw’ibihugu bigize ishirahamwe rya Afrika y’ubuseruko si urubanza ruba umunsi umwe rukaba ruheze."

Uburundi bwateye igikumu ku masezerano yo kwinjira mw’ishirahamwe rya Afrika y’ubuseruko kw’igenekerezo rya 18 Ruheshi 2007 i Kampala mu gihugu ca Uganda. Iyinjira icese ry’Uburundi muri iryo shirahamwe ryabaye kw’igenekerezo rya mbere Mukakaro 2007. Muri iryo shirahamwe, Uburundi buheranye amafaranga agera ku miriyoni indwi z’amadorare. Umushikiranganji NDAHAYO yemeza ko Uburundi buriko burakora ibishoboka vyose kugira gushika mu kwezi kw’icumi na kabiri ayatari make azobe yarishwe muri iryo deni.

Mw’ihimbazwa ry’iyo myaka cumi, Uburundi bumenyesha ko kazoba ari akaryo keza ku bafata ingingo za poritike, abatwara kuva ku rwego rwo hejuru gushika hasi, abikorera ivyabo hamwe n’abo mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, ko kurabira hamwe intambwe imaze gushikwako hamwe n’ingorane Uburundi buragira mw’iyinjira ryabo mw’ishirahamwe rya Afrika y’ubuseruko.

Iyo myaka cumi izohimbazwa kuri uwu wa gatandatu ku civugo gikurikira : "Imyaka cumi irarangiye Uburundi bwinjiye mw’ishirahamwe rya Afrika y’ubuseruko : Inyungu bwaharonkeye, ivyaranguwe, uturusho, intambamyi hamwe n’imigambi ya kazoza."


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.