IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubutumwa bwa Petero Karaveri MBONIMPA yibuka umunsi yahatswe (...)

Ubutumwa bwa Petero Karaveri MBONIMPA yibuka umunsi yahatswe kugandagurwa

jeudi 3 Myandagaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Imyaka ibiri niho iheze kuri uwu wa kane Petero Karaveri MBONIMPA ahatswe kugandagurwa n’abantu bamurashe ariko arataha, ku mugoroba wo kuwa 3 Myandagaro 2015 mu gisagara ca Bujumbura. Petero Karaveri MBONIMPA avuga ko yarashwe amasasu ane, ariko rumwe akaba arirwo rwamufashe.

Kuri uwo munsi yibuka imyaka ibiri iheze acitse kw’icumu, Petero Karaveri MBONIMPA asaba ababishoboye ko bofata akanya bakibuka abahitanwe n’urwimo rwo mu 2015.

"Nico gituma nsubiye gusaba abantu bose barajwe ishinga n’iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu, bipfuza iyubahirizwa ry’amateka n’amategeko agenga igihugu, ko bofata akanya bagacana utubuji kuri uwu wa kane itariki zitatu ukwezi kw’umunani umwaka w’2017, kuva isaha 12 z’umugoroba, kugira twibuke abo bose bitavye Imana, abacitse kw’icumu, ababorejwe igufa abakenyezi bafashwe ku nguvu n’abari bajejwe kubakingira, ababoreye mu mabohero, abagorewe mu buhungiro, abatekewe n’ubwoba bari mu Burundi batabona iyo bava n’iyo baja, eka n’abo bose bari mu ngorane zitandukanye."

JPEG - 40.4 ko
Petero Karaveri MBONIMPA

Petero Karaveri MBONIMPA yarasiwe ku Kanga muri zone Kinama, mu gisagara ca Bujumbura ariko arataha muhira iwe mu Carama. Inyuma y’iminsi ibiri arashwe, Petero Karaveri Mbonimpa yari asanzwe ari mu myidegemvyo w’agateganyo, yaronse uburenganzira bwo kuja kwivuriza hanze, kw’igenekerezo rya 5 Myandagaro. Urwo ruhusha rw’ubutungane rw’ukurenga imbibe z’Uburundi yaruhawe n’umushikirizamanza wa Republika mu gisagara ca Bujumbura Arcade Nimubona.

Igihugu c’Ububirigi caciye cemera kumwakira, ajanwa kuvurirwayo, akaba ari naho akiri gushika ubu inyuma y’imyaka ibiri ahatswe kugandagurwa.

Inyuma y’uguhakwa kwicwa, hakurikiye iyicwa ry’umuhungu wiwe hamwe n’umukwe wiwe, bompi bakaba bishwe barashwe mu bibanza n’iminsi itandukanye.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.