IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Imyiyerekano ku buserukizi bw’Uburundi i Paris

Imyiyerekano ku buserukizi bw’Uburundi i Paris

vendredi 28 Gitugutu 2016, par Egide NDUWIMANA

Mu gihe kuri uwu wa gatanu iminsi ijana ariyo iheze atawuzi irengero ry’umumenyeshamakuru Jean BIGIRIMANA, abo mw’ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru batagira imbibe bagize imyiyerekano ku buserukizi bw’Uburundi i Paris mu gihugu c’Ubufaransa. Basaba ko hoba amatohoza yigenga.

Iyo myiyerekano yari yitabwe kandi na bamwe mu barundi baba mu gihugu c’Ubufaransa, bakaba bari bafise amasanamu y’uwo mumenyeshamakuru, hamwe n’inzandiko z’ugusaba ukuri kw’inyuruzwa ry’uwo mumenyeshamakuru atawuzi irengero ryiwe.

Jean BIGIRIMANA yahora akorera insamirizi REMA FM, akaba yari asigaye akorera ikinyamakuru IWACU, yahagaritswe ku muhingamo wo kw’igenekerezo rya 22 Mukakaro 2016.

Uwo mumenyeshamakuru yavuye muhira nk’igihe c’isaha umunani agiye i Bugarama mu ntara ya Muramvya, mu nyuma nk’igihe c’isaha cumi na zibiri z’umugoroba, umuryango wiwe ukaba wahamagawe kuri terefone n’umuntu utamenye, uwo muntu abwira Godeberte Hakizimana, umupfasoni wa Jean BIGIRIMANA, ko yatawe muri yompi, ariko ntibamenya ikibanza apfungiwemwo, hamwe n’ico yafatiwe.

Mu gihe agifatwa vyavugwa ko yoba yafashwe n’abakozi b’igendereza, mbere bikavugwa ko apfungiwe mw’igendereza mu ntara ya Muramvya, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi yarabihakanye. OP1 Pierre NKURIKIYE yamenyesheje ko uwo mumenyeshamakuru atahagaritswe n’inzego zijejwe umutekano. Uwo avugira igiporisi c’Uburundi yasavye ahubwo umuryango wiwe ko wokorana n’igiporisi mu matohoza.

N’umurwi w’igihugu wigenga ujejwe agateka ka zina muntu wavuze ko gushika ubu utarashobora gutora irengero ry’umumenyeshamakuru Jean BIGIRIMANA, muri uwo murwi bagasaba ko igiporisi corushirizaho kurondera irengero ry’uwo mumenyeshamakuru mu gukomeza amatohoza.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kw’igenekerezo rya 5 Myandagaro 2016, Jean Baptiste BARIBONEKEZA, umukuru w’umurwi CNIDH (Commission Nationale Indépendante des Droits de l’Homme) yamenyesheje ko yumvise amakuru yavuga ko uwo mumenyeshamakuru yoba apfungiwe mu gasho k’igendereza mu ntara ya Muramvya, ariko muri uwo murwi bakavuga ko ata gasho k’igendereza kazwi kari i Muramvya.

Uwo murwi wemeza ko wagiye mu ntara ya Muramvya, bashika ku nzu y’uwujejwe igendereza batamuteguje, baheza bamusaba kwinjira muri iyo nyubakwa.

Jean Baptiste BARIBONEKEZA avuga ko bararondereye no mu bindi bibanza harimwo no mu busho bw’igiporisi, ariko aho bigeze, uwo murwi ukavuga ko utarashobora gutora irengero ry’uwo mumenyeshamakuru canke amakuru atomoye y’ubuzima bwiwe.

Muri CNIDH basaba igiporisi ko mu matohoza kiriko kirakora, coshira inguvu zikomeye kuri zone ya Bugarama, aho biboneka ko Jean BIGIRIMANA yazimanganiye.


IGIHE

Messages

  • oya nimureke gukanga retayuburundi kuko uryamunyagihugu ntacoyamuronderako, ahubwo nimusabe amakungu ahashe CENARED nayamirwi yayo yinkorabara ariyo FOREB na RED TABARA kuko nibobanzi irengero ryiwe ninabo bamunyuruje bamujijije amatohoza yarikwaragira ajanye namabi iyomirwi ikorera abenegihugu, gusa birababaje kuba baramuhitanye atarabishira kumugaragaro

  • Kuba yabinyegeje ntagitangaje kuko ntafise icavuga kuko barazi aho ba mushize niyo gendo yabo ba dd aho naho Bari kubabwira ko batamuzi canke ko yiyahuye uraziko akazi nabo nukwinyegeza kuko ibikorwa bakora ntaho bitaniye nivyo gahini yakoze igihe yica mwene wabo abeli ica kurikiye murakize yaciye aja kwinyegeza Ari naho yahereye asara

  • Jean Bigirimana ya gandaguwe nigi porisi ntabandi,nkuko twaronse amakuru agifashwe ngaho imuravya. Nikuronderera ngaho murizo nkorabara za Nkurunziza.

  • ABARUNDI NTIBOREKA KWIFATANYA NABO BOCABAJAHE INDAKOZABA TWAYE BANGENZA UMUTWE NKURUYUZI

  • ABARUNDI NTIBOREKA KWIFATANYA NABO BOCABAJAHE INDAKOZABA TWAYE BANGENZA UMUTWE NKURUYUZI

  • uyuwe muvuga yariwe nabitsi niko bigenda bene data nimumu sengere kumana gusa

  • Urya Bigirimana yishwe naba sinared kuko imbereyuko bamunyuruza yaheruka mu Rwanda kwitemberera bisanzwe noneho abanyarwanda bafatanije nabamwe bomuri sinared bacabamubwirango nuce wigumira ngaha maze nguduce dutangazako urumumenyeshamakuru wahunze uburundi nawe yaciye ababwirango jewe numugorewanje numuryango nababanyi baraziko mbanyeneza nabategetsi nabajejwe umutekano nabenegihugu bomumigambwe itandukanye namashirahamwe yigenga ngobumvise hatangajwe konahunze uburundi ngobotangara atikandi bobivuga neza ukwonarimbanye nabandi mugihugu. Nibwobamubwirango ngahogenda ngwabarundi muribicucu ngwanga uwoshaka kubafasha! Nukwo Bigirimana yaritahiye jewe mazekwumva koyazimiye naciyenkomeza kwiyumvira ururwanda twahungiyemwo naba ba senared turihamwe hanohanze kukobamubonye nkuwoba agiye kuzocavuga mubategetsi biburundi ivyobariko baramubwira bakabonako kumwica kwarivyo vyobarivyiza kugira ntazobivuge ariko jewe ndibazako imisi yarimaze avuyemurwanda aruwubivuga abayarabivuze,nubwo rero uyumusi namaze kugera mububirigi kiriyagihe havurwako yazimiye narinkiri Rwanda kandindazivyishi kuko nogushika ngaha nubutegetsi bwurwanda bwabifashije mwawamugambi ngiwokugira ntidusubire Burundi ngokuko twozohava tuvuga amabanga yivyobakatubwiye! Ariko jewe ahubwo kuvangeze ngaha Belgium nihonarose uburyobwiza bwokuvuga amabanga yivyurwanda nabarundi twahungiye Rwanda nukuntu urwanda rwakomeje kutubwira, ahamubona twaramaze kwipanga kwarukuvugavyose atacodusigaje nimwumva uburundi bugumabuvuga bwishigikiye harya bafise inkuru nyishi zivamubarundi bahungiye Rwanda nongaha nimukiye izihava ninyishi ubonako bafise ivyobahuriyeko nurwanda kuvyobakoreye uburundi nabarundi.
    Amazina ngombanandike ngaha sayiwanje.

  • Ndabona barugereka batatanzwe ubonako nabacubapfa bicwa kubwuduhera abonyene bababahaye bamwe muritwebwe maze mukugimbagura abavukanyibacu,abavyeyi,ababanyi tukivayo.

  • Turagizemwiriwe iryo nyuruzwa nyuwomumenyeshamakuru rirateye amakenga cane

  • ikiki werewete ngo nikavukire kiriko kiracirinkonda jakonka

  • ikiki werewete ngo nikavukire kiriko kiracirinkonda jakonka

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.