IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Imyiyerekano y’ukwiyamiriza ikigongwe casabiwe abaronderwa n’ubutungane

Imyiyerekano y’ukwiyamiriza ikigongwe casabiwe abaronderwa n’ubutungane

samedi 25 Ruhuhuma 2017, par Egide NDUWIMANA

Ihuriro ry’abakenyezi ku rwego rw’igihugu (Forum National des Femmes) ryatunganije kuri uwu wa gatandatu imyiyerekano y’ukwiyamiriza ivyasabwe mu biganiro i Arusha ko abanyeporitike bafise ivyo bagirizwa n’ubutungane bw’Uburundi bohabwa ikigongwe c’agateganyo.

Muri iyo myiyerekano, abari bayitavye bamenyesheje ko bitumvikana ingene abafise ivyo bagirizwa mu mabi yakozwe mu Burundi bosabirwa ikigongwe mu gihe ubwabo batariyemerera amakosa bakoze, bongere basabe ikigongwe bonyene.

Abo bakenyezi bamenyesheje ko biyamiriza kandi abariko basaba ico kigongwe, kuko batabitumwe n’abo baronderwa n’ubutungane bw’Uburundi.

Abagize ihuriro ry’abakenyezi ku rwego rw’igihugu (Forum National des Femmes) bamenyesheje ko bashizeho umurwi uzohora ubaserukira mu biganiro i Arusha, bagasaba umuhuza ko yoza arabatumira.


IGIHE

Messages

  • Erega Peter arageramiwe Union Europeene na ONU barabamenye sha, kandi mwe muyerera kubera utwo tout 10Fbu babaha ngo muriyamiriza muzopfa muyerera nka Gahini

  • Aba niba bahabara ba RUDOLPH,murabesha akari inyuma karahinda.

  • Mubura kwiyamiriza sobuja yamaze abarundi abica yongera abanyuruza, abandi akabicisha inzara! Muzopfira mumabarabara!!!! Mbe hagati ya footballeur, SNR, iciyita Police, Imbonerakure ninde yagirizwa amabi ko muyerera mumabarabara! Uwabaroze ntiyakaravye!!!

  • We Wiyita FNL Nagomba Ndakumenyesheko Atabubasha Nabumwe Wewe Ugifise Bwoguharira Na Leta. We Guma Ukorera Mukinyegero Gusa Ugumusaba Abo Bazungu Bawe Bagufashe Ivyobagufasha Canke Uzobazane Muburundi.

  • Ahubwo Fnl Wewe nibazako ubwonko bwawe butari kugihe,raba ubushire kugihe ngo bazopfa nka gahini ahubwo uraraba neza ntabariw urik urayerer nka kayini.ivyo bavuga nukuri kand birumvikana.ntakigongwe cinkozi zibibi,kugeze ryari se?

  • Aba dd rindira gato gusa bazapfa umufa wibijumbu !

  • Igihe kimwe u burunzi buzafatwa abaturage bari my myigaragambyo abo bazahita bahungira muri Congo baciye gatumba/kavimvira

  • Aho kwiyamiriza ubwicanyi bwagiriwe Umupfasoni NIBOGORA yakora muri REGIDESO , ntahuriro riri aho . ni amacandya gusa.

  • Ngwikigongwe cabakoze kudeta nabaturiye abantu!?
    Isi vyayigoye nukuri mbehoho mwotubwira mumategeko yuburundi nayamakungu abakoze amabinkayo ahobigeze kugirirwa ikigorwe badaciye imbere yubutungane.

  • Abobagore babuze icobakora niho basigaye birirwa bariruka mumabarabara nkabasazi, ahubwo na mademo yabafashe!,nkurunziza akiri mwisha yahamba abantu babo, aruko babanje kwiyimbira ikino babahambamwo!, munyuma bivanye namabi yakoze muburundi, reta yariho, koyamuciriye urubanza rwogutabwa mumpimba, Arusha koyahavuye imwambika ubudahangarwa kandi yaratikije inganda?, yemwe mwabagore bamuvuga ivyomuzi ivyomutazi mupfume muhora. Uyo mwirirwa murafukamira nkimana, uyo atarugusiga abavyeyi bahetse amaboko, ntanakimwe azomarira uburundi. Abonabo muvuga yuko mwifuza kwica nkuko mwimwishe abandi bazoza arabandi ataruko mwabaziga kera, nimube murimarintezi.

  • @Ntakirutimana AL Joel,
    Abo bavyeyi baharanira agateka kigihugucabo nibowize kobasara mugiye wamukecuru yitwa Maggy yavuze ibinuka ntugire icumubwiye?
    Yewe ntacansumvya kuvuga inyuma yamatora yomuri 2010 ariko iconabonye narakibonye abonabibwiye barabizi kandi ndashima kobakomeje kubikorerako kanti vyagize akamaro gakoneye kugihugu canje cu Burundi.

  • @ NWARI,nkubwire gasha Maggy ivyo yakoze ntamugore numwe murabo birirwa barasara mumabarabara bazopfa babishitseko!, ndakubwire Maggy yafashije abana buburundi beshi batagirigiharuro, ariko abonabo bashigikiye abagabo babo bariko barakora ijoro numurango mukwica abenigihugu. Muribarya bagore bamwe nabagore baba porisi, abandi nibamwe bahora mwishamba bafatanya mukwica nankurunziza, bamwe muribo narababonye kandi ndabazi kuvakera, nibamwe twita bampaga amaraso asesetse. Ibisigaye turindire iherezo ryavyo@@@@@@oooooooooooooooooooooooooooooo@@@@@@@@@@@@@@@@@@@@@@@@@@@@@@@@@@@@@@@.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.