Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Inama kw’icukurwa ribereye ry’ubutare - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Inama kw’icukurwa ribereye ry’ubutare

Inama kw’icukurwa ribereye ry’ubutare

mardi 27 Munyonyo 2012

Agataka ko muri Afirika kuzuye ubutare. Ariko, ikoreshwa ry’ubwo butare mu bihugu vyinshi ririmwo igipfungu. Ivyo bigatuma ataco biheza ngo vyungure abenegihugu. Mukurwanya ako karanda, hari ingingo zafashwe. Hari ugukorera kumugaragaro ku nganda bise industries extractive (ITIE),nk’uburyo bw’intwaro mugushigikira ugukorera kumugaragaro igihe izo nganda ziriha ama reta hamwe rero n’itangwa kumugaragaro ry’amakori.

Ivyo ni ivyashikirijwe n’umuhanuzi ntayegayezwa mu biro mpuzamakungu vya ITIE. Yabivugiye mu nama mpuzamakungu kw’icukurwa ry’ubutare mw’iterambere rirama mukarere k’ibiyaga binini.

Iyo ntumbero yo gukorera ku mugaragaro iratera intege ama reta mu guhanahana amakuru ku makori ava muri ubwo butare. Muri iyo nama, Christian Mouenzo, mw’ijambo yashikirije yaragarutse ku nyungu ibihugu ITIE ikoreramwo vyogira biramutse navyo vyinjiyemwo.

Nk’umumenyeshamakuru yabigize umwuga, akorera urunani « Publiez ce que vous payez ». Afatiye ku kuntu ubutare muri Afrika bufatwa nk’umuvumo, yamenyesheje ko ibihugu vyinshi bizwi ko bifise ubutare bwinshi ataco bibukuramwo. Kubwa Christian Mouenzo, ngo ivyo bihugu birabohewe amaboko i mugongo n’amadeni y’umurengera vyamamwo. Vyongeye, ngo muri ivyo bihugu bikenye cane kw’isi ababasha kwiga no kwivuza bari kurushi, ari naco gituma ubutunzi bwavyo bugira ingorane zifatiye kungaruka z’ibiciro. Ivyo birazingamika itunganywa ry’uburyo n’iterambere.

Kubw’ivyo Christian Mouenzo ahanura guhindura ibintu nko gukura mu mutwe ko ubutare ari umuvumo. Ku bwiwe ngo ubwo butunzi kama ibihugu bimwe bimwe vyo muri Afirika bifise, ni ahubwo umugisha. “Iyo bukoreshejwe neza bituma haba iterambere”. Yaramenyesheje ko kuva imigambi igiye mungiro, hakenewe gushirwamwo imitahe mu ntumbero yo gushikira iterambere nyaryo.

Kubw’icegeranyo c’inama iherutse kubera i Bujumbura kuva kuwa 22 gushika kuwa 23 Munyonyo, ukungana, gukingira ibidukikije, gucukura ubutare n’iterambere mu butunzi vyarihwejwe.

Nk’uko vyashimikiweko, mugihe igisata c’ubutare gitunganijwe neza, kiratuma ubutunzi bwiyongera mbere kikongereza n’uburyo bw’igihugu. Ivyo biratuma n’abanyagihugu babaho neza. Ni no muri iyo ntumbero amashirahamwe acukura ubutare, afadikanije n’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike yatunganije ivyigwa vyo gutsimbataza inyungu z’akarere. Bose hamwe biyemeje gukomeza no gutsimbataza iterambere.


Mugisha V.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.