IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Intwaro ibereye > Inama nkenguzamateka yemeje integuro yamabwirizwa abiri

Inama nkenguzamateka yemeje integuro yamabwirizwa abiri

Thursday 16 August 2018, by vianney

Umushikiranganji wo gutwara abantu n’ibintu no gutunganya ibisagara Jean Bosco NTUNZWENIMANA yamemyesheje ko ibarabara inomero 16 bahisemwo kuryubaka kuko rihuza imigenderanire y’abantu bo mu ntara nyinshi kugira ababa hagati mu gihugu no mu buseruko bashobore gushika mu Rumonge gutora ibidandazwa biboroheye kuko ubu babironka biciye i Bujumbura.

Jean Bosco NTUNZWENIMANA yavuze ko ibarabara RN3 Nyanza Lac-Rumonge rifise akamaro kanini kuko ibidandazwa bivuye i Mombassa bigaca i Dar Es Salaam bishika i Burundi biciye kw’iryo barabara rya Rumonge –Nyanza Lac .

Bimwe mu bibazo vyabajijwe n’abakenguzamateka nibijanye n’amakenga y’amabarabara akorwa ariko akononekara ata myaka 5 irahera kandi haba hakozwe ivyigwa vyo kuryubaka.

Kurico kibazo,umushikiranganji Jean Bosco NTUNZWENIMANA yishuye ko bashizeho umurwi ujejwe kwemeza ivyigwa biba vyakozwe imbere yuko ibikorwa vyo kubaka bitangura.

Yaba integuro y’ibwirizwa ijanye no kubaka ibarabara inomero 16 hamwe n’ibarabara inomero RN3 yose yemejwe n’abakenguzamateka ijana kw’ijana ku bakenguzanateka 34 bari bitavye hamwe na 4 bari batumye.


IGIHE

Forum posts

  • Nagira Nanje Mbaze, Ko Ibarabara Rya Cankuzo-Gahumo Rihuza Uburundi Na Tanzania Riciye Muri Commune Mishiha Ko Ritavugwa? Turasaba Kweli Rishugurikirwe Kuko Twaryemerew Na Nyakubahwa Président Nkurunziza.Turasavye Dushimitse Kweli.

  • ndagize mwakeye cnk mwiriwe bivanye nahomuri.jew numvabishimishije cane kumva ibarabara RN3 rigiraryubakwe.uvuye inyanza-lac ugenda murumonge rirateye isoni!

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.