IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Inama nshingamateka yashimye ibikorwa vy’umurwi w’igihugu ujejwe (...)

Inama nshingamateka yashimye ibikorwa vy’umurwi w’igihugu ujejwe ibiganiro

mercredi 21 Nyakanga 2016, par Egide NDUWIMANA

Inama nshingamateka y’Uburundi irakeza umurwi w’igihugu ujejwe ibiganiro bibera mu Burundi, bigahuza Abarundi, ikamenyesha ko ishimishwa n’intwambwe uwo murwi ugezeko mu bikorwa uriko urarangura vy’ukwumviriza Abarundi.

Mw’itangazo ryasohowe kuri uwu wa gatatu n’inama nshingamateka y’Uburundi, bamenyesheje ko bashigikiye icegeranyo umurwi CNDI (CNDI : Commission Nationale du Dialogue Interburundais).

Iryo tangazo ry’inama nshingamateka y’Uburundi risaba abanyagihugu kubandanya bitaba ivyo biganiro kugira umuti w’ibibazo bimwe bimwe ugende uraboneka, hamwe n’ukwamirira kure ivyoza bibacanishamwo.

JPEG - 91.7 ko
Alexis Badian NDAYIHIMBAZE, umuvugizi w’inama nshingamateka y’Uburundi

Umurwi w’igihugu ujejwe ibiganiro bihuza Abarundi uheruka gushikiriza icegeranyo c’ivyo umaze gushikako, ku mukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA. Muri uwo murwi bamenyesha ko abenshi mu bantu bumvirijwe n’uwo murwi basavye ko umukuru w’igihugu c’Uburundi yotorwa ibiringo birenza bibiri, agatwara igihe cose abanyagihugu bomwizera.

Umukuru w’umurwi w’igihugu ujejwe ibiganiro bihuza Abarundi (CNDI : Commission Nationale du Dialogue Interburundais), Musenyeri Justin NZOYISABA avuga ko naho uwo murwi utarashikiriza icegeranyo ca nyuma, wamaze kwegeranya ivyiyumviro nyamukuru abatari bake bashikirije.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kw’igenekerezo rya 24 Myandagaro 2016, Musenyeri Justin NZOYISABA yamenyesheje ko ku bijanye n’ibwirizwa shingiro, benshi bari mu biganiro basavye ko umukuru w’igihugu c’Uburundi yotwara ibiringo birenga bibiri, akisubiriza ku butegetsi igihe cose abanyagihugu boguma bamwizera.

Muri uwo murwi bavuga ko abanyagihugu basavye ko ibwirizwa shingiro ryoja hejuru y’amasezerano ya Arusha, abahoze barongoye Uburundi ntibasubire gushirwa mu nama nkenguzamateka ubuzima bwabo bwose nk’uko biri ubu, ahubwo bakabanza guhiganwa n’abandi mu matora kugira baje muri urwo rwego. Abanyagihugu basavye ko ibwirizwa shingiro ryohindurwa, kugira utunenge turimwo duhinyanyurwe, hamwe n’ugukosora amakosa ari mu masezerano y’i Arusha.

Abari mu biganiro baravuze n’amabwirizwa amwe amwe yohinyanyurwa

"Ibwirizwa rigenga imigambwe kugira ntihabeho imigambwe itagira abanywanyi, ibwirizwa mpanavyaha kugira ukudahana ivyaha bihagarare, ibwirizwa rigenga amatora kugira amatora agende neza, ibwirizwa rigenga amashirahamwe adaharaniranira ivyicaro vya poritike kugira akore ibiyaraba gusa, ibwirizwa rigenga amadini n’amashengero kugira nayo nyene akore ibiyaraba gusa."

Muri ico kiganiro, uwo murwi CNDI wamenyesheje ko ugiye kuremesha ibiganiro hagati y’abarundi bari mu makungu no mu makambi y’impunzi, hamwe n’ugutegura icegeranyo ca nyuma kizoshikirizwa umukuru w’igihugu.

Tubamenyeshe ko uwo murwi uheruka kwongerwa ikiringo n’umukuru w’igihugu, ukaba ugiye kubandanya ibikorwa vyawo mu kindi kiringo c’amezi atandatu, kugira uheraheze ivyo watumwe.


IGIHE

Messages

  • nukubashimira kuko barabikwiye iyobatariguhaguruka ngobasange abanyagihugu kumitumba ntawarikumenya ivyo abenegihugu bagoma, rero ivyasambwe nabenegihugu bikwiye guhinduka kuko nibobafise ijambo ryanyuma! bariboneye abateje akajagari abaribo ntabandi nayo mashirahamwe namadini kuko bivanze mubitabaraba, nivyo sebarundi azohora akurwa namatora ataribiringo kuko abenegihugu bazoba bakimukunze..,..

  • Je Sindavyumva Je Kondi Ahantu Bite Mugendo Kwontigeze Ndababona Kumutumba?Ahubwo Nibavugeko Arivyiyumviro Vyabanyepolitike Bashikiye President Nkurunziza.Ibiganiro Bizozana Amahoro Nibishigikira Amasezerano Ya Arusha N’ibwirizwashingiro Navyo Biza Vyaratanguye Arusha Nyene

  • IBIGANIRO BIZOZANA AMAHORO NIBIRIKO BIBERA ARUSHA.IVYO BABESHA NGO ICIYUMVIRO C’ABANYIGIHU SIVYO KUKO NTABOBASHIKIRIYE YOBAVUGA KO BASERUKIWE.GUSA AMASEZERANO YA ARUSHA IBWIRIZASHINGIRO NI NTAKORWA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.