IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Inama nshingamateka yemeje abaserukira Uburundi muri EALA

Inama nshingamateka yemeje abaserukira Uburundi muri EALA

jeudi 20 Ndamukiza 2017, par Egide NDUWIMANA

Inama nshingamateka y’Uburundi yemeje kuri uwu wa kane abagiye guserukira Uburundi mu nama nshingamateka ya Afrika y’ubuseruko. Abemejwe bose hamwe ni abashingamateka icenda. Muri abo batanu bakomoka mu mugambwe CNDD FDD, babiri bo mu runani rw’Abigenga MIZERO Y’ABARUNDI, umwe wo mu mugambwe UPRONA, hamwe n’umwe aserukira ubwoko bw’Abatwa.

Imbere y’uko abo bashingamateka bemezwa, Pascal NYABENDA, umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi yabanje kubibutsa ko amategeko ategekanya ko uwitoza yari asanzwe ari mu nama nshingamateka y’Uburundi abanza gutanga imihoho. Abashingamateka babiri ba CNDD FDD baciye batanga imihoho mu nama nshingamateka y’Uburundi. Abo nabo ni Momamo KARERWA, hamwe na Victor BURIKUKIYE.

Leontine NZEYIMANA ari mu bemejwe

Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA aheruka gutera umukono kw’itegeko rihindura umushikiranganji ajejwe iyinjira ry’Uburundi mu muryango wa Afrika y’ubuseruko. Leontine NZEYIMANA yahora arongoye ubwo bushikiranganji ari mu bemejwe n’inama nshingamateka y’Uburundi kugira aje guserukira Uburundi mu nama nshingamateka ya Afrika y’ubuseruko.

Umugambwe CNDD FDD waserukiwe n’abagera kw’icenda

Abo nabo ni : Muhirwa Jean Mairie, Burikukiye Victore, Karerwa Momamo, Leontine NZEYIMANA, Rurakamvye Pierre Claver.

Abo muri AMIZERO Y’ABARUNDI : Nsavyimana Sophie, Nduwayo Christophe

Uwo muri UPRONA : Burikukiye Marie Claire

Uwaserukiye ubwoko bw’abatwa : Ahingejeje Alfred

JPEG - 67.4 ko
Abashingamateka icenda bagiye guserukira Uburundi mu nama nshingamateka ya Afrika y’ubuseruko

Abashingamateka bose hamwe b’inama nshingamateka ya Afrika y’ubuseruko ni 54, bakaba baserukira ibihugu bitandatu bigize uwo muryango arivyo : Burundi, Kenya, Ouganda, Rwanda, Tanzania hamwe na Sudani y’epfo.

JPEG - 101.9 ko
Abo bagiye guserukira Uburundi bemejwe n’inama nshingamateka y’Uburundi

IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.