IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ibidukikije > Ingingo ibuza abanyagihugu kubaga impene igiye guhagarara

Ingingo ibuza abanyagihugu kubaga impene igiye guhagarara

mardi 5 juin 2018

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 5 Ruheshi 2018, umushikiranganji Deo Guide RUREMA, amenyesha ko iyo ngingo izohagarikwa, kuko n’isekeza ryo gucandaga impene bazikingira indwara y’akaranda ryaheze.

Deo Guide RUREMA, amenyesha ko isekeza ryo gucandaga ryari ryatanguye kw’igenekerezo rya 29 Ndamukiza, ryarangiye inyuma y’ukwezi kw’igenekerezo rya 29 Rusama 2018.

Umushikiranganji w’ibidukikije, uburimyi n’ubworozi, amenyesha ko amafaranga 3327 vy’amadorare y’abanyamerika, ariyo yatanzwe kugira afashe mw’isekeza ryo gucandaga impene, bazikingira indwara y’akaranda.

Mu mpera z’umwaka wa 2017 niho hatangura kuvugwa indwara y’akaranda k’impene, mu ntara ya Gitega, aho gushika kw’igenekerezo rya 28 Kigarama 2017, ivyegeranyo vy’ubuhikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi vyerekana ko mu mpene zatanzwe mu mugambi LEVEMPII izishika 3044 zari zimaze gupfa.

Ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi buri kumwe n’abajejwe intwaro, bahavuye bafata ingingo yo guhagarika vy’infatakibanza amasoko adandaza ibitungwa bito bito, no guhagarika ko ibitungwa bitembera hagati y’intara za Gitega , Kirundo na Mwaro.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • Ndabaramukije .Ngira mpere kurayo mategeko agenga iyandikwa y iciyumviro. Kuvuga ngo ntakwandika ibicanishamwo ,sintahura ico mushaka kuvuga . Nkubu mvuze nti kirazira kw ica ibikoko noba ncanishijemwo ababirya nabatabirya / canke ababidandaza na leta ibikuramwo taxe. Ico nashaka kuvuga nuko kubaga igikoko icarico cose ari ukwica , ntimukice rero canke ngo mwipfuze kw ica . Sinshatse gusigura vyinshi kubera nohava nsanga ncanishijemwo benshi. Kubera ico nikibazo cagoye abantu benshi kugitahura , kivurwa muri Bibiliya (Bible) ,murakoze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.