IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Intumwa idasanzwe ya ONU yarungitswe mu Burundi

Intumwa idasanzwe ya ONU yarungitswe mu Burundi

vendredi 14 Gitugutu 2016, par Egide NDUWIMANA

Jamal Benomar, intumwa idasanzwe y’Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, amenyesha ko inama nkuru ya ONU yamutumye gusubira mu Burundi, kugirana ibiganiro na Reta y’Uburundi. Aho akaba ari inyuma y’aho Reta y’Uburundi yiyamirije ingingo ya 2303 y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ivuga ku bijanye no kurungika inteko mvamakungu mu Burundi.

Iyo ntumwa idasanzwe ya ONU, Jamal Benmar yatangaje ko inama nkuru ya ONU yamutumye kwumviriza ibibazo vya Reta y’Uburundi, hamwe n’ugusigurira Reta y’Uburundi intumbero ya ONU. Jamal avuga ko urwo rugendo rwiwe rufise intumbero yo kugirana ibiganiro na Reta y’Uburundi, ibiganiro vyubaka kandi bitera bija imbere.

JPEG - 130.5 ko
Jamal Benomar, intumwa idasanzwe y’Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU

Jamal avuga ko yizeye ko umuti w’ibibazo vy’Uburundi atahandi uri atari mu biganiro hagati y’abanyeporitike ubwabo. Avuga kandi ko mu myaka cumi iheze, igihe hari intambara yahitanye abarundi ibihumbi n’ibihumbi, abarundi bagaragaje ko bashoboye kwicarana bagatorera umuti ibibazo vyabo, babifashijwemwo n’ibihugu vyo mu karere n’amakungu.

Intumwa idasanzwe y’Umunyamabanga Mukuru wa ONU, Jamal yamenyesheje ko kazoza k’abarundi kari mu minwe yabo, kandi ko yizeye ko hagiyemwo ubushake n’uburongozi bwiza, abarundi bashobora gutora umuti w’ibibazo vyabo, biciye mu biganiro no mu mwumvikano.


IGIHE

Messages

  • Sha ntakubeshe uje guta akarimi kawe n’umwanya wawe,shaka wisubirire inyuma kuko ntibaza kwukwumviriza na gato baza kugusigurira imirongo yo muri bibiliya bakwereke ko bakora ivyo imana yi Mwumba ibahishurira

  • Umuti wavyo,nibumve Ko Bose Basangiye Igihugu,bareke Kwinubana, Abanyeporitike Bajehamwe Baganire ,bumve Ko Basangiye Igihugu.Abanyeporitike Barihanze Nabari Mugihugu Nibaganire Baze Bubake Igihugu,

  • Nuko bafise amahera bonona!amareta yintumva yamaho,nafe kuruta barundi bagrageza.

  • Aka kazungu nimukamese urazibyo kirirwa karadebagura kubinyamakuru ko gaheba kagashisha non kaj gukora iki?uburundi burabakurako agashambara nimutaraba neza mwabazungu mwe mutavuy inyuma ya Nyakubahwa imana yabatanze mubiganza byabarundi burundi. Oyeee.

  • Inteko mpuzamakungu vyanka bikunda zizoza tout, nimunyaragase muze DD itaramara abantu

  • Turasavye dushimitse ivyo biganiro bidahera ONU iguma igiriranira na nkuru ariko aratumara ko vyohagarara hagafatwa ingingo zihuta zogukingira abanyagihugu kuva aho mwakavugiye amajambo nawe uwumara abantu adasiba kwiha inkumbi turabihaze muguma mumuhamiriki ko yaberetse ko atabakeneye nimufate ingongo nkuko nawe afata ingingo ataraho azobonako mwabuze ico mukora mukuguma mumwirukako ahubwo uwavuze ko arimwo muteranya abanya frica ntiyabeshe abantu bariko barapfa mugabo namwe muri muvyo guhenda hendana

  • naze asabimbabazi abarundi kumakosa ONU imaze kubakorera mukubarementaniriza ibinyoma numukwifuriza abarundi genoside, uburero RETA yuburundi iramazekwipanganeza kugurango ihangane numwansi wabarundi ahazavahose kandi inguvu irazifise kuko ubu abagize reta basenyera kumugozumwe nigisirikare nuko tutibagiwe igiporisi nabarundi barafatanye munda......

  • Ivyo Biganiro Bigamijiki? Muburundi Vyotuma Umunyagihugu Aronka Lévorision.Ubwigenge Bwabuze Kumunyagihugu Bukagaruka? Umunyagihugu Akishira Akizana.

  • Abo Bazungu Barababajwe Nuko Twabahinyuye .Batuvire Mugihugu Tuzitunganya!

  • mbeg uwow azobajegukor iki? erega bagumabahig inzirazosebocamwo kugirabasambur igihugucacu. non abobantubashak ikikugihuguc uburundi? nibaturekekukon ubuturabayehokand atamfashanyozabobaduha.

  • Ekanaze ariko ataribimwe vyoguhengama bagira bamwe inkundwakazi. Ngobabagabire ubutegetsi batavunikiye ngobashimwimigambi

  • UJUJUTA UJAHE ESE NTIMWUMWA GUMIWANYU NTAWUBAKENEYE MUVUGA NGONUIHAGEDWA MUGABO MUKAGUMA MAHAJUJUTA UJAHE KO HATAGEDWA UBURUNDI BURIKWIYEMWANTUNVAMWE

  • Ngomushak ibiganiro mwarabahenze bajamumigumuko none mutangiye kubasabir ibiganiro ntituzovyemera murababika ntabo dukeneye basize baturiyabantu muma pneus bakora coud états none mwumva haribiganiro bojamwo vyiki ?

  • Abarundi mwihagarareko babonye koboba bahomvye jinyika mumwumvirize ariko ntimwemere

  • Abarundi mwihagarareko babonye koboba bahomvye jinyika mumwumvirize ariko ntimwemere

  • Abarundi mwihagarareko babonye koboba bahomvye jinyika mumwumvirize ariko ntimwemere

  • Abarundi mwihagarareko babonye koboba bahomvye jinyika mumwumvirize ariko ntimwemere

  • mwagarutse gukora iki twe nitubashaka kuko ivyanyu turabizi ubu turiho tuzokwamaho kandi dutegerenzwa kubaho hama uwo nawe niyasara ntitwumwumviriza.

  • ntaco aza gukiza kuko nukuryama mukibuga c’indege.Systeme.com

  • Niyashika bari bakwiriye kumureka akavuga hanyuma bakamuha, iyindi sango!

  • naze gutambira kumivyimba aho baziye niki bamaze gukor ko bazezeta inteko ko vyabananiye iyo tuba dufise igitoro bba baraje biruka ubu ntiboza mubugrarwa uko biri tuzibako wait and see.

  • Babonye ko genocide=urucuruzwa rwabo rugiye guhomba.Uburundi buzobabera ifuro ry’igiti mwa bazungu namwe mwa bacuruza b’amaraso y’Abanyafrika.

  • Nonekotugumatwumvako Amahoro Muburundi Aramarame Bazogezaryarikwicana?

  • Abobantu ba ONU barataye ibanga kuva igihe hakorewe kudeta umwaka ukaburenze bataratangazako abagerageje bose gukora iryakudeta kwahobarihose bakwiye gushikirizwa ubutungane.
    Mwarataye amasezerano nukuri.
    UMVA MWEBWE MUKENEYE IMBUGO ZIBIRI MWOBWIRA ABARUNDI NAMAKUNGU ARINAZOZIZI: IMVUGOYAMBERE NIKUVUGANGO ABAGIZE URUHARA MUBIJANYE NAKUDETA BARONDERWE AHOBARIHOSE BASHIKIRIZWE UBUTUNGANE.
    ICAKABIRI NUWOMUSIKI NUSANGANWE WOGUHAMAGARIRA ABARUNDI GUKOMEZA KUGANIRA.
    Kuko mutabigize gurtyo reta yu Burundi ica iyoberwa ivyomurimwo kuko ONU ntiyemera uwitwaza icaricocose ngogitume yokubita kudeta, none KU Burundi vyobavyemerewe kwabantu bakubita kudeta bigatuma ONU icayinumira bigezaho!!!???.

  • Ni intumwa isanzwe kuko izoshika mu Burundi iheze isubire iyo yaje iva imaramara, idahaye CNARED Igihugu c’UBURUNDI. Yaba idasanzwe, opposition radicale mu Burundi yaca ifata UBURUNDI. Irasanzwe rero kuberako ABADASANZWE ari ABARUNDI bari mu BURUNDI kandi bayirindiye. Irashobora kuba itazi ico iri ariko niyashika i Bujumbura izotegera ko isanzwe!!!

  • Montrez mon commentaire car l’impartialité c’est ça!!

  • dusavye reta isigurire iyo ntmwa ya onu ko yemera kuganira nabatagize ubwicanyi nabagize kudeta kandi bemere ko kirya cegeranyo ca barya bahinga ko atarico gihengamye ataruko mumubwire mutarya umunwa ko ibizoba muburundi bizobazwa onu kuko yerekana ko ihenganye kuki itumviza reta niba itemewe baziriki kuyisaba ijambo ni barisabe abo bashigikiye turabe reta itarimwo turabe baguma bahendwa nabagumutsi ngo baze kuashikiriza igihugu kandi ubutegetsi butangwa nabene gihugu naho abobazungu bokoresha ingufu ntamahoro muburundi hamwe boshigikira abnyafuti

  • Afrika twikebuke twitunganirize ivyacu " Akava i muhana kaza imvura ihise " RUMARIZA yararwanijwe , turwanye ubukene , dushime ivyo dufise dukore . abarondeye ukwikukira ntibagushikiye Aba P.D.C baracariho .

  • Ubu twebwe abarundi twaramaze kubonako hari abanye politique badakunda igihugu cacu ari naco gituma bashaka kudusubiza muntambara kubera inyungu zabo nico gituma twosaba iryo shirahamwe puzamakungu onu abo banye politique ko atajambo bakwiye guhabwa kuko iyo turavye kahise kabo ntaco bamariy’abarundi bama vashaka gusabira abarundi amarira n’amaganya bishimikij’amoko twebwe nt’amacakubiri ari mugihugu cacu turabiyamirije turabiyamirije turabiyamirije

  • Iyo ntumwa ihaye iza muburundi nt’ituyanse .Ret yacu ntiyigore kuganira niyo ntumwa ahubwo nibayihe abanyagihugu abe aribo baganira.Kandi ategereza ivyiyumviro vyabanyagihugu.

  • tari uravuze pee ntaco norenzako

  • Uti genda i Rwanda kwa Kagame niwe yumva neza genocide, uti Abarundi babiyamye kera ko ata genocide muzosubira gukorereho, ntimwumva. Mubwire uti gumiza hakarya ya Kanyaru urwo rucuruzwa niho barwumva.

  • Mbe Murundi We Ko Uguma Uvuga Abagize Uruhara Gwa Kudeta Barengutswe Imbere.Mbeko Utavuga Abagize Uruhara Gwo Kwica Abanyagihugu.Abagize Kudeta Muvuga Hari Abanyagihugu Bishe Mugihe Bategura Iyo Kudeta? Ico Womenya Imbere Yokuvuga Muzohore Banza Kwiyumvira Amajambo Muvuga Ko Yoba Afise Intumbero.Ikindi Womenya Harya Umuzungu Mugukora Ikintu Agenda Buke Buke.

  • Akakagabo erega ngokaje kugiriranibiganiro nareta. Reta yamutumyeko? Mbega ko ONU yahemukiyuburundi ninde azobumuhuza mumatati nareta yacu? Ivyotwatumye resta yacu yagiyibikora vyose harimwo nokuva mwayomashirahamwe yababono bagomba gushigikirabimigambigayitse.turabazi ntibigire maraika wumuco.batatubona tubatubabona!!!!!

  • Ntaco muzagukora atarukugumiriza ibimwenyi intama baguma babaga muraguma iwanyu Imana izikorera nko kwa FARAWO

  • Eka Wagipfuwe Ntikarahera !!! Uti Abateguye Kudeta Ntabantu Bishe ??? Abantubose Bapfuye Barikugatwe Kinyanka Burundi Zateguye Kudeta , Kuko Nibo Bateze Imbarutso Bongera Barayibarura

  • Wewe Karikumutima, abagize kudeta sibonyene bishe bakoresheje uburyobwose bushoboka harimwo noguturira abantu!? Ivyonavyo urinda kubirementanya ubishira kuri reta kandivyakorwa izubaryaka!?.
    Erega jewe vyakorwa mbona kuko jewemba ngaha Kanyosha.

  • Abarundi Turushe Onu Nimugire Ningoga Mudukureko Nkurunziza Ara Turembeje

  • we kanyosha na turabategereja. mwambwamwe .mbega mwebwe mwibaza ko abarundi turijuju muribesha none ko muri mu bashigikiye ko abakora amaperereza ko batogaru mukana shigikira kwikura muri sentare mpuza ma kungu none komusha coba muratinyiki ? nimutuze ukwo kwikukira murata mumisi mikeya muzokwerekana

  • Wewe witabandi imbwa ntakintu nokomeza kukubwira kiretse kurondera uko wotwarwa kwa docteur akaraba icoyogufasha kuko umurwayi agututse ukacumusubiza sivyiza ahubwo uraheza ukagenda ukabwira abagenzi atijewe ndashaka mumfashe gutwara umuntuwanje kwamuganga atikuko amajambo ariko aravuga arerekana kwadakomeye.

  • Tuzoba turaba ikizovamwo.tubirorere

  • Tuzoba turaba ikizovamwo.tubirorere

  • dushimiye,intumwaya,oni ukoyitanzekubwurugendo yakozeturamushimiye kdidushimiye,abarundi ukobamwakiriye,birakwiyeko amahoroyasubiramuburundi

  • Ingorane abarundi dufise twebwe ubwacu ntidushaka guhanugwa! Kandi dufise impaka nyinshi nkuko harico twishoboje tukibagira yuko ONU ishobora kureka kutumurikira canke kudufasha yisunze wa mugani baciye mu kirundi ngo:"umwana atari uwawe yokuratyo!"

  • ivyo biganiro umuntu yabihaze kuko iyo vyabereye nikera.mbega nka barundi bamaze gupfa bangana gute?reka ahubwo igihari petero nkurunziza niyikure kubutegetsi atakirinze kuba!!!ndavuga simvura ngejeje ngaha naho uwutaha

  • Onu Yiciye Amatwi Kuva Kera Ubu Siho Bovyuka

  • uwomunyahanga ahoyagaseberej igihugucacunikera. kugez ubunatweharagez ahoducubwenge.kukoturabonayuko abobazungu bashaka kudusubizamuvyotwavuyemwo. ahubworer ubu twaridukwiye kubiyamiriza kugirango ntibadukweger akarambaraye.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.