IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Intumwa z’ishirahamwe mpuzamakungu OIF zatanguye urugendo mu (...)

Intumwa z’ishirahamwe mpuzamakungu OIF zatanguye urugendo mu Burundi

mardi 12 Kigarama 2017, par Egide NDUWIMANA

Mw’ishirahamwe ry’ibihugu bikoresha ururimi rw’igifaransa bamenyesha izo ntumwa zatanguye urugendo mu Burundi mu ntumbero y’ukwirabira uko ibintu vyifashe muri ico gihugu gisanzwe carafatiwe ibihano n’iryo shirahamwe. Izo ntumwa zirongowe na Pascal Couchepin, intumwa idasanzwe mu karere k’ibiyaga binini ya Michael John umunyamabanga mukuru wa OIF.

Izo ntumwa zigizwe n’abahinga bo ku rwego rwo hejuru mw’ishirahamwe OIF, bakaba bazogiranira imibonano n’abategetsi batandukanye bo kurwego rwo hejuru b’Uburundi, abarongoye inzego zitandukanye, abanyeporitike, abaserukira amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, hamwe n’abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi bakorana n’iryo shirahamwe OIF.

Mu nama y’iryo shirahamwe igira iya 97 yari yabereye i Paris mu Bufaransa kw’igenekerezo rya 7 Mukakaro 2016, umurwi wamaho wa OIF wari wafashe ingingo y’uguhagarika vy’agateganyo ugukorana n’Uburundi. N’imigenderanire n’ugufashanya iryo shirahamwe ryahora rifitaniye n’Uburundi yarahagaritswe muri iyo nama.

JPEG - 29.9 ko
Izo ntumwa zirongowe na Pascal Couchepin, intumwa idasanzwe mu karere k’ibiyaga binini ya Michael John umunyamabanga mukuru wa OIF

Muri iyo nama yaremeshejwe na Michaëlle Jean, umukuru w’iryo shirahamwe, ingingo yafashwe n’uko imigenderanire n’ugufashanya vyohagarikwa mu Burundi, ariko igihugu kikagumizwa muri iryo shirahamwe.

Iyo ngingo yavuga ko imigambi igiye kugumizwaho ari iyishikira abanyagihuhu ubwo nyene, kandi itabanza gucishwa kuri Reta y’Uburundi, hamwe n’imigambi ifasha mw’iterambere ry’intwaro rusangi (Rétablissement de la démocratie).

Uburundi bwahowe ko buterekanye ugushaka mu kuva mu ntureka igihugu kirimwo kuva mu kwezi kwa Ndamukiza 2015. Muri iyo nama yabaye mu 2016, ishirahamwe OIF ryamenyesheje ko umutekano ubandanya gutituka, ubwicanyi hamwe n’uguhohotera agateka ka zina muntu bikaba bibandanya kwibonekeza, ibiganiro navyo hagati ya Reta n’abatavuga rumwe nayo bikaba vyari vyadindiye.

Louis Hamann, umuvugizi w’umukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ry’abakoresha ururimi rw’igifaransa yari yamenyesheje ko iyo ngingo ifashwe kugira bagondoze Reta y’Uburundi itore umuti w’ibibazo vya poritike biri mu Burundi, yemere kandi n’ukwitaba ibiganiro biyihuza n’abatavuga rumwe nayo, kandi bidakumira.

Mw’ishirahamwe ry’ibihugu bikoresha ururimi rw’igifaransa (OIF) bamenyesha izo ntumwa zatanguye urugendo mu Burundi mu ntumbero y’ukwirabira uko ibintu vyifashe ubu naho.

Urwo rugendo rwatanguye kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 12 Kigarama ruzohera ku munsi wa gatandatu igenekerezo rya 16 Kigarama 2017.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.