IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ishirahamwe CIRID rishigikiye ibiganiro vyubakiye ku kuri kw’ibibera mu (...)

Ishirahamwe CIRID rishigikiye ibiganiro vyubakiye ku kuri kw’ibibera mu Burundi

vendredi 9 Ruheshi 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu biganiro mw’ishirahamwe CIRID bipfuza, ni uko abagira bohuriza ku vyahindutse mu Burundi, bishimikire ku bibazo nkoramutima nk’ubukene, ibibazo bijanye n’amagara y’abantu, ubutunzi, hamwe n’ubukene bw’igitoro.

Deo HAKIZIMANA, umukuru wa CIRID, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa gatanu, yashikirije ko ibiganiro vyogirira akamaro Abarundi ari ibitokwirengagiza ibibazo nkoramutima vy’Abarundi.

"Uko ivyo biganiro vyokorwa, hari ica mbere kibwirizwa kuba, ni ukubishaka, bose bakabishaka kumwe, hakaganira ab vyega, abategetsi hamwe n’abashaka ubutegetsi. Birakenewe kandi ko abaganira bemerana, bakaneye umuhuza bakamwumvikanako."

JPEG - 55.9 ko
Deo HAKIZIMANA, umukuru w’ishirahamwe CIRID

Ishirahamwe rimenyesha ko kuva mu ndwi igiye gutangura, bazorungika abaserukira iryo shirahamwe kuvugana n’abaserukira amashirahamwe mpuzamakungu atandukanye yo mu bihugu vya Buraya na Amerika kugira bababwire ivyahindutse ku bivugwa ku Burundi hamwe n’ibitarahinduka, bongere babereke ivyokorwa.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.