IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ishirahamwe LIGUE ITEKA ryahagaritswe burundu

Ishirahamwe LIGUE ITEKA ryahagaritswe burundu

mardi 3 Nzero 2017, par Egide NDUWIMANA

Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bwafashe ingingo y’ugufuta burundu ishirahamwe LIGUE ITEKA mu mashirahamwe arekuriwe gukorera ku butaka bw’Uburundi. Ubwo bushikiranganji bwagiriza Ligue ITEKA ko ricapfuza Uburundi, mu vyegeranyo risohora.

Imbere y’uko iyo ngingo ifatwa, ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bwari bwahagaritse vy’agateganyo iryo shirahamwe hamwe n’ayandi mashirahamwe ane adaharanira ivyicaro vya poritike. Muri ukwo guhagarikwa vy’agateganyo, ubwo bushikiranganji bwagirije LIGUE ITEKA ko ikorana n’abashaka guhungabanya umutekano w’Uburundi, nk’uko vyashikirijwe na Terence NTAHIRAJA, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu.

Mu matohoza ubwo bushikiranganji buvuga ko bwakoze, bagirije LIGUE ITEKA ko yakoranye n’abanyamahanga mu gusohora icegeranyo kirimwo ivyo bita ibinyoma.

Icegeranyo casohowe n’ishirahamwe LIGUE ITEKA riri kumwe n’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe agateka ka zina muntu (FIDH : Fédération Internationale des Droits de l’Homme) kivuga ko mu ntureka za poritike igihugu c’Uburundi gihitiyemwo, abantu barenga igihumbi aribo bishwe, abandi amajana umunani baburirwa irengero. Ico cegeranyo kivuga ko atagikozwe ihonyabwoko rishobora gukorwa mu Burundi.


IGIHE

Messages

  • ahubwomwri mwaratevye kurifuta kuko ntaco ryari ritumariye rero muragize neza gufata iyongingo

  • Iyo yari isigaye yitwa League Sindumuja=Boko haramu.

  • Iyo league des malfaiteurs nibyiza ko bayihagarika. Kuko ni inyangaburundi...Sindumuja(Al Shebab)

  • iyo league iteka ni bayifute yari yarabaye league yaba sindumuja za mujeri nizo yavugiraga gusa gusa kandi za mujeri zirirwa zica abantu ni bazitunge agatoki reka ngo ryari ryarabaye ishyirahamwe ryo gucafuza u burundi ni rigende rize gukorera hano iwacu kwa kagome nirize risange na za radio za ba mujeri ziri gukorera mu rwanda muri studio ya radio ya jeanette kagame radio contact niho radio inzamba na radio humura hamwe yewe na radio RPA zose zikorera muriyo studio ya Radio contacy fm

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.