IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ishirahamwe UNIPROBA riranegura kuba abatwa bataserukiwe i Arusha

Ishirahamwe UNIPROBA riranegura kuba abatwa bataserukiwe i Arusha

mardi 28 Munyonyo 2017, par Egide NDUWIMANA

NENGO Emmanuel aserukira imbere y’amategeko urunani UNIPROBA asigura ko abatwa bamye bakumigwa kuva kera, na cane cane iyo hageze kuganira ku bibazo bihanze Uburundi. Avuga ko kuva ibiganiro bishikirijwe William Benjamin Mkapa, abatwa batigeze batumwako.

NENGO aranegura ikumigwa ry’abatwa akavuga ko no mu biganiro vyabaye kera uwaserukira abatwa atahabwa ijambo, yaba umurorererezi gusa, akabona ko mu gihe uruhande rumwe rw’abarundi ruzoba rukumiriwe, Uburundi butazogira amahoro arama.

« Igihugu cacu ntikizogira amahoro n’iterambere birama mu gihe hari ababohewe amaboko i mugongo. Abatwa barakumigwa muga ntituzokwama duhoze. Mw’igabangana ry’ubutegetsi mu masezerano ya Arusha abahutu bahawe ibice 60% abatutsi nabo bahabwa 40%, bisigura ko abatwa bafashwe nk’abatabaho»

NENGO Emmanuel asaba amakungu na cane cane Umuryango wa Afrika y’ubuseruko, Inama mpuzamakungu yo mu biyaba binini, ubumwe bwa Afrika hamwe na ONU ko bogira uko bashoboye ngo ubwoko bw’abatwa buserukigwe mu biganiro biheruka gutangura kuri uwu wa mbere itariki 27 Munyonyo.

Ubwoko bw’abatwa, aribo kandi bitwa abasangwabutaka bukaba bwemewe n’ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi nk’ubwoko bugira gatatu inyuma y’abahutu n’abatutsi.


Pacifique BUKURU

Messages

  • Ewe sha Nengo Emmanuel, uratwenza. Igihe wari muri EAC Assembly ntaco wamariye Abatwa atari kwuzuza amazu cumi cumi n-umugore w’úmunya Bururi agutegeka de 1 àZ . Ubu relo, araryihewe ubonye Gouvernement de transition , urafyuye amazuru. We wosigurira abatwa iki mugihe intara imwe ya Kirundo, umuryango umwe ariwro wonyene userukira abatwa nkuko umengo abandi ntibababaho. Ipu ziba, amigwa, nta komine nimwe udafisemwo ama étage aha i Bujumbura , ikibababaje nuko urya mu ruri (umunyabururi) wawe witereyemwo , azokwica abitware hariya mw’ishinge. Nta kamro k’umugabo agabwa n’umugore (ipu)! Ntubeshe! Reka abandi batware, ayo watwaye arabaye-kandi ushime ushima n’amatora mwarivye kuko ntaco wodusigurira ukungene mwayihinduye dépositoire familil. Havuye Bambanze, haza Nego, canke bavyara banyu. Utateye isoni!!! Iyaba aba DD bakuzi ntibokmvirije! Hariho abandi bagowe, ataco bararonka nayo mwebwe muofa kubesha —warutwaguye!!!

  • Nengo, ubu naho urahevye urasarara kuri VOA. Mbe uvugira nde?? Urahumba kuko warasosewe n’ubutegetsi- imyaka umaze muri EAC Assembly. Ushaka bakugire Ministre!!! Abo ba ndayuzuye bari i Arusha, barafise inkoho canke imyampi? Ewe abatwa, abahutu n’aba tutsi twaragowe. Ubu relo, abatwa tugira duhindugwe abaganwa? Mbega ko batatumiye ba Nyamwemwa, les Homosexuels, abatagira amadini. Ntihakumiriwe abatwa, hakumiriwe Nengo (Kirundo), Bambaze Vital (Kirundo), Leonard (Kirundo), Liberate (Mwaro : umwimukira mais la tente de ces mecs) etc. abo bose ni intara imwe----na équipe yose ya Uniproba y’umuryango umwe!!! wo mu Kirundo.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.