IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ishirahamwe mpuzamakungu FNUAP ryagenye umuserukizi mushasha mu (...)

Ishirahamwe mpuzamakungu FNUAP ryagenye umuserukizi mushasha mu Burundi

jeudi 1er mars 2018

Nk’uko biri mw’itangazo ry’ibiro vya FNUAP mu Burundi, Richmond TIEMOKO umuserukizi mushasha wa FNUAP mu Burundi yashitse i Bujumbura ku munsi w’Imana igenekerezo rya 18 Ruhuhuma 2018, yaciye atanga ikete rimugena mu mabanga yo guserukira FNUAP mu Burundi, mu bushikiranganji bw’imigenderanirire y’uburundi n’amakungu kuwa 28 Ruhuhuma 2018.

Iryo tangazo, rimenyesha ko bivuye ku gufatirwa kw’umushikiranganj w’imigenderanire y’uburundi n’amakungu, Richmond TIEMOKO yakiriwe n’umunyamabanga ntayegayezwa wo muri ubwo bushikiranganji, bari kumwe n’umuyobozi w’igisata c’ukwunga ubumwe mu mashirahamwe mpuzamakungu.

Iryo tangazo, risaba ko ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu,ko bwoshira ku rwandiko rugena Richmond TIEMOKO , urundi rwandiko mperekeza rwerekana ko yakiriwe mu Burundi.


Oscar NDAYISHIMIYE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.