IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ishirahamwe rishasha ry’Abaririmvyi ryavutse

Ishirahamwe rishasha ry’Abaririmvyi ryavutse

mercredi 6 Nyakanga 2017, par Egide NDUWIMANA

Iryo shirahamwe rishasha ni irihe?

UNABUDI-INYENYERI Z’UBURUNDI ni ishirahamwe ry’abaririmvyi n’abahinga mu vyerekeye imico kama y’abarundi, baba mu bihugu bigize impande zine z’isi bakaba baba mu Bihugu vyo mu mahanga ( Diaspora).

"Abo bahinga b’abarundi baratahuye ko umutwe umwe utigira inama, maze bashima guhuriza ingoga hamwe, kugira ngo bose bahagurukire ica rimwe mu gukingira
imico n’akaranga biranga Uburundi.", uko niko itangazo ry’iryo shirahamwe rivuga.

Intumbero y’iryo shirahamwe

1. Kugarukira Imico n’Akaranga mu barundi bo mu mahanga

2. Gushigikira abahinga b’Imico n’Akaranga baba mu mahanga.

3. Kwibuka ku mwaka ku mwaka ibikorwa vy’abahinga badusigiye IRAGI. Buri mwaka igenekerezo rya 17 Mukakaro, hazohora hatunganywa ISABUKURU

Icivugo ca "UNABUDI-NYENYERI-Z’UBURUNDI"

- URUKUNDO
- UBUHINGA
- UBUMENYI
- ITERAMBERE

Abagize uburongozi bwa UNABUDI-INYENYERI Z’UBURUNDI

1. Umukuru w’Ishirahamwe ( President ):

Felicien Minani Nsengiyumva batazira Femi de j’Abat, aba i Norvege

2. Icegera ciwe ( Vice Présidente ):

Marie-Goretti Habonimana batazira Goreth Amabano aba mu Bubirigi

3.Urwego rw’umunyamabanga mukuru ( Secrétariat Général):

Bonaventure Havyarimana batazira KAKA Boney aba muri Amerika

4.Urwego rujejwe ivy’Ubutunzi ( Tresorerie ):

A.Emmanuel Sadiki batazira Kilo Kilo aba mu Bubirigi

B. Riziki Uwinyota aba muri Allemagne

5 Urwego rwo guhanahana amakuru( Communication):

Mireille Keza Delfosse aba mu Bufaransa.

6. Urwego rujejwe kuyamenyesha abatari mw’Ishirahamwe ( Publicité):

BKY Amissi aba muri Canada

7. Urwego rujejwe gutunganya ibiteramo n’amanama Nkarishabwenge ( Concerts & Seminaires):

Serge Nkurunziza aba Uganda

8.Urwego rujejwe imibano n’inyifato ibereye ( Social & Discipline )

Mpangaje Luc batazira Balozi aba muri Amerika

9. Urwego rujejwe itunganywa ry’ibikorwa n’ubushakashatsi ( Coordination & Strategie ):

Maisha Mustafa aba muri Amerika

10. Urwego rw’abahanuzi ( Conseillers )

- Marie Louise Sibazuri aba muri Australie

Sadi Kinyunda aba muri Kenya

John Mbonimpa aba mu Bubirigi


Cherif NKESHIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.