IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > ’’Ivyavuye mu matora ntituvyemera kuko birimwo amakosa menshi’’-Evariste (...)

’’Ivyavuye mu matora ntituvyemera kuko birimwo amakosa menshi’’-Evariste NGAYIMPENDA

mardi 22 mai 2018

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku mugoroba wo kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 21 Rusama 2018, Evariste NGAYIMPENDA yamenyesheje ko amatora yagenze nabi kuko yaranzwe n’utunenge gushika n’aho havuka Urunani rutazwi.

Ati : Igikorwa c’amatora cagenze nabi, hari abagiye barahohoterwa abandi barapfungwa gushika naho bagira Amizero atazwi. Hari abarorerezi babujijwe gushika aho amatora abera, hari abatewe ubwoba buca baja gutora gushika aho batagenda, hari abasohowe hageze guharura ivyavuye mu matora.

Evariste NGAYIMPENDA avuga ko yatangajwe n’ijambo ryashikirijwe n’umukuru w’umurwi CENI, aho yemeje ko amatora yagenze neza, kandi mu Runani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi baramwandikiye bamubwira ko hari ibitagenze neza.

Icegera c’uwurongoye Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi avuga ko bari basohoye itangazo bavuga ko mu Runani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi badashobora kwemera ibizova mu matora kuko birimwo amahinyu menshi cane.
.
Evariste NGAYIMPENDA avuga ko naho batiteze gutunganirizwa, igikurikira ari uko bagiye kwitura sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • ubu ntakindi dukeney atari iterambr kuk umwanya twatway hakiri intwaro yamagaburanyama urakwie.nibaza nyimba aba nyapolitik bo muburundi nyimba bakunda abarundi.kuk sintahura kugra umunyagihugu afatigw ibihano kuk umunt mukuru w ntaco aba.batobato nitw tugra ikibazo.rero nibaduh amahoro

  • MUVYUKURI AMATORA Y’IBWIZWA NSHINGIRO YAGENZE NABI NIKUBERIKI UMUGAMBWE WA BA DD UKORESHA ITERA BWOBA ? KUBERI MUGUHARURA AMATORA YIBWIRIZWA NSHHNGIRO HARI ABASOHOWE ?UKO WUMVA ATARI UKUZANA AMACAKUBIRI MUGIHUGU CUBURUNDI

  • KUBERIKI BATARETSE ABA OYA BIGISHE OYA BAGAHITAMWO KUBAUERA UBWOBA HARYA UMWENEGIHUGU ATORA IKIRI KUMUTIMA

  • abanypolitik bamw bamw bo ngaha muburundi baramaramaza n’abigisha babigishij.suko bareclama droit.uhiga inyungu zaw non ugo runani ntimubna ko atakirimwo gusa mugusambuka ninkifu yimijira.kuk ngira mwaray mubny ko atanabanywanyi mufit noe mwizey ngo muzohava mufata ubutgtsi ! ntibizokunda vuba mudahnduy idéologie yugo runani.habaho opposition kubra hari abagmba guhga no gukingra inyung zabo.muburund- bashats hoba imigambw ibiri gusa kuk myish itera akajagari karnz.murakoz

  • Jewe ndatangara kandi mbaza ikibazo nti :
    Kubera iki imisi y’amatora yama ijana no kugumuka ?
    None buri gihe tuzokwama muri bene ivyo ?
    Ndabahanuye gushira aho abanyagihugu bashize mureke gushihana nk’ubunyegeri bugwanira kw’igufa.

  • abanyepolitike bane bamwe bo mumizero ngo yabarundi narabahinyuye ntakamaro ko boguma kubutegetsi badashaka ineza yigihugu nubumwe bwabarundi nyuma ya ho manyirukaniye muri universite du lac ngira bari bazi ko ntazobandanya ishure noneho haheze imyake ine4 mpejeje universite kandi je suis bien portant baraheba bagire un parti politique bave munani8 zabo .

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.