IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > "Iyaba vyokunda igihano c’ugupfa cogarutse" - Gélase Daniel NDABIRABE

"Iyaba vyokunda igihano c’ugupfa cogarutse" - Gélase Daniel NDABIRABE

jeudi 19 avril 2018

Ashikiriza ivyiyumviro vyiwe mu bikorwa vy’inama nshingamateka vyo kwiga no kwemeza integuro y’itegeko rigenga ingene imanza zitohozwa zikongera zikaburanishwa, Gélase Daniel NDABIRABE yavuze ko bitumvikana ingene umuntu yoturira uwundi, canke agatera gerenade mw’isoko hanyuma apfungwe gusa, nk’uko biri muri iryo tegeko.

Gélase Daniel NDABIRABE avuga ko iyaba Uburundi butinjiye mu ntwaro rusangi yubahiriza amategeko mpuzamakungu, abica nabo bohawe igihano co gupfa.

« Iyaba vyashoboka igihano co gupfa cogarutse, kuko ata wurasa ngo acibwe gupfungwa gusa. »

JPEG - 31.8 ko
Umushingamateka Gélase Daniel NDABIRABE

Gélase Daniel NDABIRABE avuga ko uwuturiye umuntu nawe yari akwiye guturirwa.

Tubibutse ko muri Ruhuhuma 2016, umushikiranganji w’ukwivuna abansi, Emmanuel NTAHOMVUKIYE yabwiye abashingamateka ko kugira ivy’ugutembagaza ubutegetsi biranduranywe n’imizi mu Burundi, Reta itegekanya guhana bikomeye abarenze amategeko ya gisirikare n’ay’igihugu.

Mu bihano bikomeye yamenyesheje ko vyohabwa abashatse gutembagaza ubutegetsi, Emmanuel NTAHOMVUKIYE, mu gihe yari mu nama nshingamateka, yabwiye abashingamateka ko harimwo igihano c’ugupfa.

« Mbere hari n’umurwi uriko uriga neza ingene igihano c’ugupfa naho cakuweho mw’ibwirizwa mpanavyaha cosubizwaho ku bantu bakirota gutembagaza ubutegetsi abenegihugu bishiriyeho. »

JPEG - 19.4 ko
Emmanuel NTAHOMVUKIYE, umushikiranganji w’ukwivuna abansi

Ku rutonde rw’abantu bazohanishwa igihano c’ugupfa, umushikiranganji w’ukwivuna abansi yashizemwo n’abazokwagirizwa icaha c’ukwica indongozi, akaba yatanze akarorero k’abagandaguye Lieutenant Général Adolphe NSHIMIRIMANA nabo bakwiye guhanishwa icaha c’ugupfa.

Imyaka icenda niyo iheze Uburundi buteye umukono ku masezerano akuraho igihano c’ugupfa. Igihano kiri hejuru y’ibindi mu gitabu mpanavyaha c’Uburundi ni umunyororo w’ubuzima bwose.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.