IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > KAHAWATU, ishirahamwe rishasha mu gisata c’ikawa

KAHAWATU, ishirahamwe rishasha mu gisata c’ikawa

jeudi 22 Munyonyo 2012

Umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi Odette Kayitesi amenyesha ko igiterwa c’ikawa kigiye gutera imbere mu Burundi kubera ishirahamwe rishasha mvamakungu rizanye imitahe muri ico gisata.

‘’Ntimwibaze ko ishirahamwe KAHAWATU rizanye amafaranga menshi gusa’’, uko niko umushikiranganji Kayitesi Odette yabwiye aberwa n’igisata c’ikawa mugihe bariko bamubaza iciza iryo shirahamwe rishasha rizanye nk’akarusho. Kuri we, iciza kinini iryo shirahamwe ryo mu gihugu c’u Buswise rizanye ngo ni uguteza imbere igiterwa c’ikawa kuva ku murimyi mutoya.

Muri kino gihe, umushikiranganji yavuze ko ikawa itunze imiryango irenga ibihumbi mirongo itandatu ariko ngo bakuramwo inkica ntikize. Ngo hari n’imiryango imaze gusubiriza ikawa n’ibindi biterwa kubera ataco bayikuramwo kiboneka.

Ngo ntakeka rero, ishirahamwe KAHAWATU rizotezimbere cane cane ivyerekeye ubuhinga kugira haboneke n’amakori menshi. Aho ni mugihe ikawa itanga ibice birenga 86 kw’ijana ry’ivyo u Burundi busohora mu makungu.

Umushikiranganji Kayitesi yavuze ko ikiterwa c’ikawa hageze ko citabwaho kuko cahuye n’ingorane zitari nke. Ibiti vy’ikawa ngo birashaje, imirima y’ikawa abarimyi bashizemwo ibindi biterwa,ihindagurika ry’ibihe, ugutituka kw’isi hamwe n’intambara u Burundi bwaciyemwo vyatumye umwimbu ugabanuka cane.

Jan Lühmann arongoye iryo shirahamwe rishasha nawe yamenyesheje ko umwimbu ugiye kwongerekana kubera imitahe n’ubuhinga rizanye. Ngo rizotuma abanyagihugu bitaho cane igiterwa c’ikawa.


Isanganiro

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.