IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Kamenge : Uruzi Nyabagere rwuzuye rusesa mw’isoko

Kamenge : Uruzi Nyabagere rwuzuye rusesa mw’isoko

lundi 3 Ndamukiza 2017, par Egide NDUWIMANA

Ibikorwa vyahungabanye mw’isoko yo mu Kamenge mu gatondo ko kuri uwu wa mbere, inyuma y’imvura nyinshi yaguye ku mugoroba wo kuri uwu w’Imana. Uruzi Nyabagera ryaruzuye, amazi aca amenera mw’isoko ya Kamenge.

Igiporisi c’Uburundi cashikirije urutonde rw’imfatakibanza, rwerekana ivyononekariye kuri iyo mvura.

Muri zone ya Buterere, inzu 17 zabomotse, mu zone Kinama habomoka izigera kuri 37.
Muri zone Kamenge habomotse inzu 5, inyubakwa z’ishure shingiro mu Kamenge zuzuramwo amazi, hamwe n’ikiraro ca Nyabagere casambutse.

Mu gihe bivugwa ko hari abantu boba bahitanwe n’iyo mvura, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi amenyesha ko ayo makuru atayo afise.


IGIHE

Messages

  • Twihanganishije abavandimwe babarundi mu byago mwahuye nabyo mukomeze kwihangana

  • Amaraso y’inzirakarengane arahanze igihugu cacu,none ko aba Chinois ko baduhaye Buruguri ubu hoho baradufashisha iki?genda Burundi urageramiwe,inzara,umwanda,imyuzurira,none duhungire mu Rwanda canke?

  • Uwo n’umuvumo wazanywe niyo Leta y’icaduka hamwe n’amaraso yirirwa araseswa nizo Mbonerakure,FDLR, interahamwe, Igendereza, Iciyita igipolisi n’igisirikare! Ivyo bintu ntavyahora biba bizanywe nubu bwicanyi bwa Leta y’icaduka

  • Ariko Urwanda murarudukoza mu jisho cane. Kambale genda ni washaka! Ariko burya, mpingurwaha ngo yakimajij’amaguru! Gashig’izokuzana!

  • Ntagisagara citwa ngo numurwamukuru comera ukwo, nibara kumutemere! kuberiki iyo reta yicaduka itosohora amahera kubahinga karuhariwe mugusaturira inzuzi inzira? amahera nugusomba barunda mumazu yabo kuriko bayakoreshe mugutezimbere ibisagara, ubwobugezi bumanuka buva ngaho mimisozi nibwo bwananiranye kabisaa!, narabomye inzuzi zikomeye zica hagati mubisagara zizungurutswe namazu akomakomeye ntamusi zigera zuzura ngo zishike kunkombe, egoniko hariho ibihugu bimwebimwe birongowe nabasumirinda, batitaho igihugu canke ibisagara, ivyo biriho, nicogituma vyama vyahuye namakuba nkayo.

  • Mbe honyene uravye nayo mazu tureke nizo nzuzi, ubona ayo mazu arayo mu gisagara nukuri? Ha!

  • Umukama natugarukir nayo ahand hoho turahona.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.