IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Kaminuza y’igisirikare c’Uburundi yatumyeko abashaka kwiyandikisha

Kaminuza y’igisirikare c’Uburundi yatumyeko abashaka kwiyandikisha

samedi 15 Gitugutu 2016, par Egide NDUWIMANA

Abipfuza kwinjira mw’ishure rya Kaminuza y’igisirikare c’Uburundi (ISCAM : Institut Supérieur des Cadres Militaires) batumweko kwiyandikisha kuva kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 17 Gitugutu gushika kw’igenekerezo rya 18 Munyonyo 2016.

Abashobora kwiyandikisha ni abanyeshure batoye ikibazo ca Reta gitanga uburenganzira bw’ugutangura inyigisho za Kaminuza, bakaba bahejeje amashure yisumbuye mu mwwaka w’2014 ushira uw’2015, hamwe n’umwaka w’2015 ushira uw’2016.

Colonel Gaspard BARATUZA, umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi amenyesha ko ukwiyandikisha kuzobera ku mirwa mikuru y’intara zose, kuva kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 17 Gitugutu gushika kw’igenekerezo rya 18 Munyonyo 2016.

Ikibazo c’ukwinjira muri iryo shure rya Kaminuza y’igisirikare c’Uburundi kizokorwa kw’igenekerezo rya 21 Munyonyo 2016.

Umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi yibutsa ko hazokwubahirizwa iserukirwa ry’amoko yose hamwe n’intara zose.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.