IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Karusi-Buhiga: Abanyagihugu basaba kuronswa amazi meza

Karusi-Buhiga: Abanyagihugu basaba kuronswa amazi meza

mardi 10 Nzero 2017

Kuva mu kwezi kwa Mukakaro 2016,ku murwa mukuru w’ikomine ya Buhiga ,mu ntara ya Karusi,hari ubukene bw’amazi. Abajejwe ivyo gutanga amazi muri komine baremeza ko bazi ko umurwa mukuru wa Komine ata mazi meza ufise ,haraheze amezi atandatu.

Abakorera imirimo ku murwa mukuru w’ikomine ya Buhiga bavuga ko ,ibikorwa bitagikorwa neza kuko atabaza kubitura bakironka kubera ubwo bukene bw’amazi.

Muri abo,harimwo abafise amazu yakira ingenzi,bavuga ko ibikorwa bikorwa nabi nabi.Ikibanza conyene kironka amazi ni ibitaro biri ku murwa mukuru w’ikomine ,naho nyene amakuru ava aho amenyesha ko ivyo bitaro bironka amazi meza mu masaha y’umutaga gusa.

Abajejwe indero muri komine Buhiga nabo nyene,baremeza ko amashuri abiri afise uburaro,yashikiwe n’ikibazo c’ikena ry’amazi meza,bagasaba ababijejwe kugira ico bakoze mu maguru masha mu gihe igice ca kabiri c’amashuri catanguye.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.