IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Karusi: Musitanteri wa Komine Buhiga asaba abagiraneza gufasha abanyagihugu (...)

Karusi: Musitanteri wa Komine Buhiga asaba abagiraneza gufasha abanyagihugu arongoye

jeudi 19 Nzero 2017

Imirima n’inzu zo ku mitumba itandatu yo muri Komine Buhiga ,mu ntara ya Karusi vyarononekaye,inyuma y’imvura irimwo urubura yaguye kuwa kabiri igenekerezo rya 17 Nzero 2017.

Nkuko bishikirizwa na Musitanteri wa Komine Buhiga Euphrasie NTAKARUTIMANA ,inzu 27 hmawe n’imirima y’amasaka n’ibigori nivyo vyononekaye cane.

Kubwa musitanteri wa Komine ya Buhiga Euphrasie NTAKARUTIMANA ,abanyagihugu arongoye bari mu maganya n’agahinda kuko ubukene bugiye kubinjirana,aho ni mu gihe n’uruzuba rwatse rutuma ibiterwa vyuma bikiri bito.

Euphrasie NTAKARUTIMANA asaba Reta y’Uburundi hamwe n’abagiraneza kugarukira ku banyagihugu arongoye.


IGIHE

Messages

  • uburundi dufise ingorane zaportike rero protique iyo ibaye mbi gituma nivyaduka bigwira zivyago kand nabarongoye igihugu ntibakunda abanyagihugu

  • Ningaruka yamabi n,amaraso yirirwa aseeseka ntakindi!Erega Imana iri mw,ijuru yabibona ikinumira!Mbega,,,,,.......!Hinge gato ibahindukirire aho vyakabereye nikera!Nuko hari abagwa mumporero nayahandiho tuzovyishura!

  • Mbe Ko muvuga ahandi intara ya Muyinga Ntivugwe Mu gihe hari benshi mubanyagihugu Bagunga Inzara ifatiye k uruzuba?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.