IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Kayanza : Abantu 8 bishwe mu gitero, abandi 50 barakomereka

Kayanza : Abantu 8 bishwe mu gitero, abandi 50 barakomereka

lundi 10 Mukakaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Abo bantu batewe gerenade mu gihe bari mu bunywero kuri uwu w’Imana nk’igihe c’isaha cumi na zibiri n’iminota mirongo itatu.

Abajejwe intwaro mu ntara ya Kayanza bemeza ko muri abo mirongo itanu bakomerekejwe n’iyo gerenade, harimwo abagera kuri cumi baremvye, ku musego aho bariko baravurirwa mu bitaro vya Gahombo, Musema hamwe no ku murwa mukuru wa Kayanza.

Muri ico gitero, Ingenieur NZAMBIMANA Claude uwurongoye SOGESTAL ya Kayanza ritonora ikawa yari muri ubwo bunywero, mu giporisi bakavuga ko biboneka ko ariwe yaronderwa. Uwo mu giporisi bavuga ko ariwe yoba yariko araronderwa ntaco yabaye, ariko imodoka yiwe ikaba yarononekaye.

Umuvugizi w’igiporisi amenyesha ko ivyabaye ari igikorwa c’iterabwoba, akavuga amatohoza yatanguye kugira uwateye iyo gerenade amenyekane.

Mu butumwa yacishije ku muhora wiwe wa Twitter, umukuru w’igihugu c’Uburundi yahojeje imiryango yabuze ababo muri ico gitero cabereye. Muri ubwo butumwa, Petero NKURUNZIZA yagize ati : "Turahojeje imiryango yabuze ababo mu gitero c’iterabwoba cabereye i Gatara mu ntara ya Kayanza. Ababikoze bazobihanirwa ntagisivya."


Egide NDUWIMANA

Messages

  • oya mu burundi ni bisanzwe ko abantu bagandagurwa ntacamira izo ni zambonerakure ka peter nkurumbi yabahaye ibigwanisho none ehe raba ntiyirirwe arivugisha ngo arahojeje imiryango yabuze ababo.

    NB Ndabasavye mureke ubutumwa bwanje burengane.

  • birabonekako Abarundi Bakiri Inyuma Yamajambere Yamajambere Abo Bagiranabi Bazobarondeze Umwete Kandi Ubutungane Bukore Atakamwana Wamama.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.