IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Urukundo > Kenya : Abari bakoze ubugeni kw’ifaranga rimwe ry’idorare bakorewe (...)

Kenya : Abari bakoze ubugeni kw’ifaranga rimwe ry’idorare bakorewe ubw’agakura

mardi 14 Ruhuhuma 2017, par Egide NDUWIMANA

Wilson na Ann Mutura bafashe ingingo yo kwubaka urwabo badakoze iminsi mikuru, kuko bari bamaze kwigizayo ubukwe bwabo incuro zibiri zose mu mwaka uheze, biturutse ku bukene.

Mu kwezi guheze bambikanye impeta, umusore Wilson yaguze amashiringi ijana ya Kenya, n’ukuvuga idorare rimwe ry’abanyamerika, babona kubana batarinze guca mu minsi mikuru. Ku bukwe bwa mbere, uwo musore Wilson yakoresheje idorare rimwe ry’abanyamerika (Amafaranga ibihumbi bibiri n’amajana atandatu y’amarundi [2600 Frs Bu] agura impeta gusa, kuko yari yabuze ayandi mafaranga yari akenewe muvy’urubanza rwiwe.

Ukwo gusezerana kwabo kwakwiye isi yose biciye ku mbuga ngurukanabumenyi, bituma abanya Kenya benshi bipfuza kubafasha.

Kuri ubwo bukwe bwabo bwa mbere, bambaye impuzu zabo zisanzwe nk’uko BBC ibivuga, uwo munsi wabo w’ubugeni, nta mutsima wabayeho (cake/gateau), nta myambaro y’ubukwe canke amashurwe n’ibindi nk’ivyo vyo kwinezereza bashoboye kugura.

Kubera iyo ngingo y’ubutwari bafashe kandi yashimishije benshi y’ugukora ubugeni kw’ifaranga rimwe ry’amadorare, abantu batandukanye hamwe n’amashirahamwe yigenga, abo bose bagiye hamwe babakorera ubukwe bw’agakura, bugizwe n’iminsi mikuru yatwaye amafaranga ibihumbi 35.

Amafoto


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.