Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ku munsi wa kabiri w’imyiyamamazo ubutumwa ni EGO canke OYA - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Ku munsi wa kabiri w’imyiyamamazo ubutumwa ni EGO canke OYA

Ku munsi wa kabiri w’imyiyamamazo ubutumwa ni EGO canke OYA

jeudi 3 mai 2018

Umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD FDD ku rwego rw’igihugu, yari mu ntara ya Rutana, aho ubutumwa yari yajanye bwari uguhamagarira abarundi gutora EGO, mu matora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro.

Mu ntara ya Karusi, umugambwe CNDD FDD waserukiwe na Pascal NYABENDA arongoye inama nshingamateka, mu ntara ya Mwaro hagiyeyo umukuru w’inama nkenguzamateka Reverien NDIKURIYO.

Abo mu mugambwe CNDD FDD nta bundi butumwa bitwaje, atari kurarikira abanyagihugu gutora EGO mu matora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro, bahejeje gusigura ineza y’iryo bwirizwa nshingiro.

Mu gihe abo mu mugambwe uri ku butegetsi bariko bahamagarira abarundi gutora EGO, mu Runani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi bahamagariye abarundi gutora OYA, basigura ko ibwirizwa nshingiro ryemejwe rizoba rije gucinyiza uruhande rumwe rw’abarundi.

Mu Runani rw’Abigenga AMizero y’Abarundi babandanirije ibikorwa mu ntara ya Muyinga, ijambo rikaba ryari rimwe, iryo guhamagarira abarundi gutora OYA, kuko ku bwabo iryo bwirizwa nshingiro umugambwe umwe warigunganije.

Mu mugambwe UPRONA, umukuru w’uwo mugambwe yari yajanye ubutumwa, mu ntara ya Ngozi, mw’ikambi y’abateshejwe ivyabo, iri ku Ruhororo.

Ubutumwa bwaru gutora EGO, mu matora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro , ategekanijwe kw’igenekerezo rya 17 Rusama 2018.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.