Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kwegeka Inzuki biracari kure - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Kwegeka Inzuki biracari kure

Kwegeka Inzuki biracari kure

samedi 24 Munyonyo 2012

Mu Burundi umwuga wo kworora inzuki nturatera imbere kuko abantu benshi ntibarabona akamaro kawo. Ishirahamwe API-MIEL ryoryo rigeze ku bitiba birenga 450.

Umwuga wo kwegeka ni ukuvuga kworora inzuki uri mu gisata cibagiwe. Nta na politike ya reta yokuwuteza imbere yigeze ibaho.
Ishirahamwe ryitwa API-MIEL ryoryo ryaratanguye uwo mwuga. Ryatanguye ibikogwa mu mwaka w’2002, rifise intumbero yo guteza imbere umwuga wo kwegeka no kugwiza inzuki.

Umuyobozi mukuru wa API-MIEL Nahimana Denis avuga ko gushika ubu iryo shirahamwe rigeze ku bitiba vya kijambere birenga 450 birimwo inzuki. Avuga kandi ko iyo umwimbu wagenze neza ku bitiba vya kijambere,kimwe ngo gishobora gutanga umwimbu ungana nibiro 50 ku mwaka, bikagurishwa amafaranga arenga ihumbi 250 y’amarundi ku mwaka.

Uyo muyobozi agasaba abanyagihugu kwijukira uyo mwuga wokworora inzuki kuko umuntu abikoze neza aronka umwimbu ushimishije bigatuma yisununura akikenura hanyuma akava mu bukene.

Abahinga co kiimwe n’abaganga bavuga ko ubuki bufise akamaro kanini mu mubiri, ngo hariho n’ingwara zitari nke ubuki buvura.

Agacupa kamwe k’ubuki kagurwa hagati y’amafaranga ibihumbi bitatu n’ibihumbi bine, budandarizwa ahanini mu nzu z’ubudandaji bita Alimentation, bugwiriye cane cane i Bujumbura, i Gitega n’i Ngozi.

iryo shirahamwe API-MIEL ubu rikorera mu ntara zine arizo Bujumbura, Cibitoke, Bururi na Bubanza, mu minsi iri imbere ngo rizotandukira gukorera mu zindi ntara.


Jean Marie Mayonga

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.