IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > MASUMBUKO : N’ibindi bihugu vyo muri Afrika vyaciye mu ntambara biriko (...)

MASUMBUKO : N’ibindi bihugu vyo muri Afrika vyaciye mu ntambara biriko biratera imbere"

vendredi 30 Ruheshi 2017, par Egide NDUWIMANA

Imfura y’umwami Mwambutsa wa 4 yavutse mu mwaka w’1932. Kuva mu buto bwiwe, Rwagasore Rudoviko yaranzwe n’ukwicisha bugufi. Ibibazo vy’ubukene bw’abanyagihugu vyatumye atangura kubahimiriza gukorera hamwe. Mw’ijambo yavugiye i Butanyerera, yasavye abarundi gutangura gukorera hamwe, bashinge amakoperative. Muganga Piyo Masumbuko, umwe mubagendanye na Rwagasore aratangazwa n’ingene inyuma y’urupfu rwa Rwagasore abarundi bacanyemwo, bashira imbere inyungu zabo. N’aho intambara yateye, ubukene bugakurikira, Piyo Masumbuko, umwe mu bagendanye na RWAGASORE asigura ko Uburundi butaronse abategetsi bavuga ivyo bemera, kandi bemera ivyo bavuga, bakongera bakavuga ukuri. Kubwa Masumbuko, ivyo bitahari nta terambere rishoboka.

"Hariho n’ibindi bihugu vyo muri Afrika vyaciye mu ntambara, ariko ubu biriko biratera imbere. Nta kindi bivako atari uko ababitwara bahisemwo gukorera ineza y’abatwarwa, ntibashire imbere inyungu zabo bonyene", uko niko MASUMBUKO abisigura, akavuga ko Rwagasore yamye arangwa no kwumviriza bose, agashira imbere ivyiyumviro vy’umwe wese.

JPEG - 64.9 ko
Muganga Piyo MASUMBUKO, umwe mu bagendanye na RWAGASORE

Ukwibuka imyaka 55 iheze Uburundi buronse intahe y’ukwikukira gushitse mu migambwe yo mu Burundi hari ukutumvikana. Nta ndwi kwezi mu gihugu hatavuzwe urwaruka rwo mu migambwe rwafashwe. Piyo Masumbuko yagendanye na Rwagasore amenyesha ko ari ibigaragaza ukudakunda igihugu kuri mu banyamigambwe. Yibutsa ko abategetsi bari bakwiye kumenya ko bariho ku neza y’abanyagihugu bato bato. Ivyo bokora vyose bobikora ku neza y’abatwarwa, kandi bakamenya ko mw’ihiganwa hatsinda uwufise ico yamariye abanyagihugu. Ku bwiwe, nta kamaro ko kunyinyuranira kuguma ku butegetsi kuko iyo umutegetsi ataco ariko aramarira abamutoye, nawe nyene ubwiwe ataco aba yimariye.

"Abategetsi bashaka kuguma mu bibanza bahawe bakwiye kumenya ko ubwizigirwa buronderwa, ariko atari ikintu ubwiriza abantu ko boguha".

Uburundi buhimbaje kandi iyo myaka iheze bwikukiye mu gihe mu mugambwe UPRONA wa RWAGASORE hibonekeza ukutumvikana kuri hagati y’abayobozi b’umugambwe UPRONA, aho hari amashami abiri yiyitirira uburungozi bw’uwo mugambwe. Kubwa Piyo MASUMBUKO, vyerekana ko abari muri uwo mugambwe batigera bashira ku muzirikanyi imigabo n’imigambi ya Rwagasore. Piyo Masumbuko amenyesha ko benshi batibuka ico izina ABADASIGANA rivuga : "Abadasigana bisigura abantu badasigana, vyose babikorera hamwe, baja inama n’ingingo. Hagize ikibatera bakirwaniriza hamwe".

Masumbuko Piyo amenyesha ko kubona "Abadasigana" ubu baracanyemwo, vyerekana ko boba batakizi ico izina bitwa risigura. "Benshi ubu ni abaporona".

Umuganwa Rudoviko Rwagasore, ari nawe yarondeye intahe y’ukwikukira y’Uburundi yavutse igenekerezo rya 10 Nzero 1932 i Gitega, yibarutswe na Sebarundi umwami Mwambutsa wa 4 n’umwamikazi Tereza Kanyonga. Mu mwaka w’1939 niho yatangura amashure mato mato kw’ishure ryo mu Bukeye. Mu mwaka w’1945, yaciye yungururiza mu gihugu c’Urwanda kubandanirizayo amashure muri Groupe Scolaire d’Astrida i Butare ahamara imyaka itandatu. Amashure ya kaminuza yayakurikiraniye mu gihugu c’Ububirigi muri kaminuza y’i Anvers.

Mu mwaka w’1956 atashe, niho yatangura ibikorwa vya poritike, aca ashinga umugambwe UPRONA (Union pour le progrès national) mu mwaka w’1958, mu kwezi kwa Nyakanga. Intumbero yiwe kwari ukurwanya abakoroni n’ugusaba ko igihugu cokwikukira.

N’aho abazungu atako bari bagize kugira baburagize ibikorwa vy’umugamwe wariko asaba ukwikukira, UPRONA yaratsinze amatora y’abashingamateka yari ahagarariwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ku majwi 80 kw’ijana. Rwagasore yaciye aba umushikiranganji wa mbere kw’igenekerezo rya 29 Nyakanga 1961. Inyuma y’iminsi cumi n’itanu gusa, kw’igenekerezo rya 13 Gitugutu 1961, niho yagandagurwa arashwe urusasu. Uwamugandaguye, umugiriki yitwa Kageorgis, yamusanze aho yari yagiye gufungurira, ku buriro buri hafi y’ikiyaga Tanganyika. Uburundi bwaronse intahe y’ukwikukira inyuma y’amezi hafi cumi umuganwa Rudoviko Rwagasore agandaguwe.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • None izo mpanuro ziwe kw’atazihaye Micombero na Buyoya? Uwo abarundi bizeye yarabonetse, sinibaza ko uwo mutama yotwereka uwundi. Ariko kandi uwo mutama Piyo Masumbuko ndamwubahahacane, kuko yabonye vyinshi mu gihugu kuva kuri Rubangisha, ahubwo abo nibo bakwiye kudusobanurira kahise k’igihugu cacu

  • Abo batama ba Masumbuko n’ abandi nibabe bareka gutesha umwanya abantu, bakuriye ubusa ataco bigeze bafasha kugire izi ndyane ziri mu gihugu zihere. Barazi vyinshi kuri kahise k’ Iburundi.
    Bagumye bahisha ububi none bazohava bapfa, bajane secret mu kuzimu.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.