IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Michel KAFANDO : "Sinje gutanga amategeko mu Burundi"

Michel KAFANDO : "Sinje gutanga amategeko mu Burundi"

mardi 11 Mukakaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Inyuma y’umubonano bagiranye n’umuhuza w’abarundi Edouard NDUWIMANA kuri uno wa mbere igenekerezo rya 10 Mukakaro 2017, umuhuza w’abarundi yavuze ko intumwa idasanzwe y’umunyamabanga w’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU mu Burundi yavuze ko ataje gutanga amategeko mu Burundi, ariko aje kugira amenye ico abarundi biyumvira ku nyishu zotangwa ku kibazo c’Uburundi.

Umuhuza w’abarundi Edouard NDUWIMANA yamenyesheje kandi ko igikorwa bamushinze bakoranye neza bofasha mu gutorera inyishu ikibazo c’Uburundi kandi mu maguru masha.

Umuhuza w’abarundi yamenyesheje ko ashima uko intumwa idasanzwe y’umunyamabanga w’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU abona ibibazo vy’Uburundi, kuko ibibazo nk’ibiri mu Burundi vyabaye mu gihugu yari arongoye, aho yavuze ko ikibanza c’abashatse gutembagaza ubutegetsi kitari mu biganiro, nk’uko vyashikirijwe na Edouard NDUWIMANA, umuhuza w’Abarundi.

JPEG - 88.8 ko
Michel KAFANDO, intumwaidasanzwe y’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi

Umuhuza w’abarundi yavuze kandi ko bamuteye intege, ko mu gihe yoshobora kwumvisha abanyaburaya uko ibintu bimeze mu Burundi, bizera ko ikibazo cotora inyishu mu maguru masha, kuko ikibazo biboneka ko kiri hagati y’inzego za Reta n’abari basanzwe bafasha Uburundi.

Kuri uno wa mbere igenekerezo rya 10 Mukakaro 2017, niho Michel KAFANDO, intumwa idasanzwe y’umunyabanga mukuru w’Ishirahamwe mpuzamakungu ONU yarangije urugendo yarimwo mu Burundi kuva kuwa gatanu igenekerezo rya 7 Mukakaro 2017.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • Uyo Michel Kafando ngirango ntazi yuko uwo bahuriye mu mubonano ariwe yavuze ivy’ ikiringo ca gatatu c’inkorabara ubwa mbere. Nzobandumva!

  • Uwobabonanye ngo numuhuza! niwe mwicanyi dufise karuhariwe ngaha muburundi.
    Kuko nkurunziza ya musizeho kuko azi yuko arinkoziyikibi ikwije amategeko,
    nayi yontumwa ya ONU irintonda ntize gushikiriza ivyo yarongewe nabobabisha.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.