IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Michel KAFANDO ari mu rugendo i Bujumbura yabonye n’umushikiranganji Alain (...)

Michel KAFANDO ari mu rugendo i Bujumbura yabonye n’umushikiranganji Alain Aimé NYAMITWE

mercredi 13 Kigarama 2017, par Egide NDUWIMANA

Muri urwo rugendo yatanguye kuri uwu wa gatatu, Michel KAFANDO yabonanye na Alain Aimé NYAMITWE, umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu.

Bernard NTAHIRAJA, umuvugizi w’ubwo bushikiranganji amenyesha ko muri uwo mubonano, Michel KAFANDO hamwe na Alain Aimé NYAMITWE baganiriye ku masezerano agenga ubuserukizi (Bureau) mu Burundi bw’iyo ntumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Ku bijanye n’ubuserukizi bw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bujejwe agateka ka zina muntu mu Burundi bwugawe, mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bamenyesha ko ibiganiro hagati ya Reta y’Uburundi na ONU bibandanya kugira ubwo buserukizi busubire kwugururwa.

Reta y’Uburundi yafashe kuva muri Gitugutu 2016 ingingo y’uguhagarika imigenderanire hamwe n’ugukorana n’igisata ca ONU kijejwe agateka ka zina muntu mu Burundi.

Nk’uko vyashikirijwe na Reta y’Uburundi, iyo ngingo yafashwe kubera uruhara rw’ico gisata ca ONU, mu cegeranyo casohotse ku Burundi, muri Reta bakavuga ico cegeranyo cari cuzuyemwo ibinyoma.

Reta y’Uburundi yamenyesheje ko iyo migenderanire y’ugukorana n’igisata ca ONU kijejwe agateka ka zina muntu mu Burundi ihagaze, gushika hamenyeshejwe iyindi ngingo nshasha.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.