IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Michel KAFANDO yashigikiye ibiganiro bidakumira n’iyubahirizwa ry’amasezerano (...)

Michel KAFANDO yashigikiye ibiganiro bidakumira n’iyubahirizwa ry’amasezerano y’i Arusha

jeudi 27 Mukakaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Muri ico cegeranyo yashikirije i New York muri Reta zunze ubumwe za Amerika, Michel KAFANDO yamenyesheje ko ubutunzi bw’igihugu c’Uburundi bubandanya gutituka, bitewe na poritike itorohereza abanyamitahe bava hanze y’Uburundi. Ubwo butunzi butifashe neza bukunyurwa n’ubushomeri buri cane cane mu rwaruka, ivyo vyose bigatuma impunzi z’Abarundi zihungira mu bihugu bibanyi zibandanya kwiyongera.

Mu ngendo yagize mu gihugu c’Uburundi, Michel KAFANDO yemeza ko yasanze umutekano usa n’uwifashe neza, ariko yibutsa ibitero vy’amagerenade vyibonekeza, bigahitana abantu, abandi bagakomereka. Iyo ntumwa idasanzwe ya ONU mu Burundi ikamenyesha ko gushika ubu inzego z’umutekano z’Uburundi zitarerekana igituma izo gerenade zoba ziterwa.

Mu cegeranyo yashikirije, Michel KAFANDO yatanze intumbero y’ivyokorwa kugira Uburundi buve mu ntureka za poritike burimwo. Ica mbere, nk’uko biri muri ico cegeranyo, akaba ari ibiganiro bidakumira vyohabwa ikibanza gikomeye, kuko ku bwiwe arivyo vyonyene bishobora gutora inyishu y’ibibazo bihari.

Michel KAFANDO avuga ko ari ngombwa ko ibihugu vyo muri aka karere, bifashijwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, vyogondoza Reta y’Uburundi ikemera kuja mu biganiro n’abatavuga rumwe nayo bahungiye hanze y’Uburundi hamwe n’abakiri mu Burundi. Aho Michel KAFANDO yagize ati : "Ku ciyumviro canje, aho honyene niho tuzoshobora gukomeza umwumvikano hagati y’Abarundi, hamwe n’ukwemeza ko inzego zitwara Uburundi zizewe, zitekanye kandi zashizweho n’abanyagihugu."

JPEG - 37.5 ko
Michel KAFANDO, intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi

Imbere y’abagize inama y’umutekano ya ONU, Michel KAFANDO yamenyesheje ko amasezerano y’i Arusha ategerezwa kwama ari icitegererezo, hamwe n’ibuye ry’umushinge. Ishirahamwe ONU ryasabwe ko ryokwumvisha Reta y’Uburundi ko yokwemera ingingo z’ituze ku bibazo vy’abarundi zashikirijwe n’umuhuza, hamwe n’iziri muri rusangi mu masezerano y’i Arusha.

Michel KAFANDO yasozereye amenyesha ko yizeye ko urugendo umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA yagize muri Tanzaniya atumiwe na mugenzi we John Pombe MAGUFULI ari ikimenyetso c’uko ibiganiro bidakumira bigiye kubandanya.

Muri iyo nama y’umutekano ya ONU i New York, hari hatumiwe Benjamin William MKAPA asanzwe ari umwunganizi w’umuhuza mu matati y’Abarundi, hatumirwa kandi Michel KAFANDO, intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi. Amakuru dukura aho i New York avuga ko Benjamin William MKAPA atashoboye kwitaba ubwo butumire, ku mvo z’amagara yiwe atari yifashe neza.

Ibiro vy’umuhuza mu matati y’Abarundi biheruka kumenyesha ko ibiganiro bihuza Abarundi bigiye kubandanya muri uku kwezi kw’umunani mu gihugu ca Tanzaniya, ariko isango nyezina rikaba ritaramenyeshwa. Umugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD hamwe n’iyindi migambwe isa n’iyicuditse n’ubutegetsi ibandanya gusaba ko ivyo biganiro vyotahukanwa, bikabandaniriza mu Burundi, kandi bigatumirwamwo abataronderwa n’ubutungane bw’Uburundi.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • arabe kuri iyo video urabona uko abarundi bateye 100% ( https://www.youtube.com/watch?v=n61I6PXAAHs) urahakura icigwa wagenderako mukubahuza.

  • Uyo Mkapa ngira yaratinye ko atoronka ingene asigurira amakungu ko akazi yatumwe kamunaniye, aca arigwaza. Ibi ndabivuze uravye nk’ibiheruka kubera mu ntara z’Uburengero za Tanzania aho umugwi arongoye uheruka kuja gutera ubwoba impunzi ngo zitahe. Haciye hakwirikira urugendo rw’abategetsi bakomakomeye b’i Burundi baja kubakinda ku muvyimba i Ngara ata nico babashiriye ngo nimutahe. Nti bigeze baja kurunguruka aho impunzi zigorewe i Nduta na Mtendeli.

  • Mu Rwanda, impunzi z’Abarundi zaranyurujwe n’igisirikare n’igipolisi.Ivyo vyose biba ONU irorera.Habuze iki kugira amategeko mpuzamakungu yita ou mpuzi yubahirizwe mu Rwanda?

  • @ Bakale,izo wita impunzi uvuga zafashwe n’u Rwanda bobaye ari Imbonerakure zari zatumwe kudurumbanya no gutera umutekano muke mu matora mu Rwanda,erega RDF ifise ingufu, barafashwe nyene kandi nivyo il faut que tumenya k’u Rwanda ruturusha ingufu,rindira Nyakubahwa Kagamé ahabwe kurongora Union Africaine muri 2018 u Burundi buce bukubitwa akanyafu, DD iipuuuuuu

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.