IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Miss Burundi Annie Bernice NIKUZE ari mw’ihiganwa rya Miss Africa muri (...)

Miss Burundi Annie Bernice NIKUZE ari mw’ihiganwa rya Miss Africa muri Nigeria

jeudi 7 Kigarama 2017, par Egide NDUWIMANA

Nk’uko biri mu mugambi wiwe wo guteza imbere impano z’urwaruka, Miss Annie Bernice avuga ko gukingira ibidukikije biri mu myitwarariko yiwe, ari naco camutumye yiyandikisha mw’ihiganwa rya Miss Afrika.

« Mu vyifuzo vyanje ndakeneye kubona isi ikingiwe, ubuzima bw’abantu bumeze neza. Ivyo vyose ntivyoshoboka mu gihe ibidukikije bidakingiwe neza, tutamenye n’ingene twohangana n’ihindagurika ry’ibihe, ntaho twoshika. Ndipfuza gutahukana iryo higanwa kugira nshobore guserukira Afrika mu mugambi wo kubungabunga ibidukikije no guhangana n’ihindagurika ry’ibihe ».

Iryo higanwa rikaba ribaye ku ncuro yaryo ya kabiri, rikazoba ku musi wa gatatu igenekerezo rya 27 Kigarama 2017. Uwaheruka kuritahukana mu mwaka wa 2016 ni umunya Angola azwi kw’izina rya Neurite Mendes.


Pacifique BUKURU

Messages

  • Vyari kuba vyiza gusumba iyaba iryo darapo yambaye riri no kuri iyo ndege agira afate. Naye ahandi ho hageze ko yururuka iyo ndege i Lagos canke Abuja bazohava bamufata nk’umunya Ethiopia.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.