IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Miss Burundi yashize ahabona ibigize umugambi wiwe azokorerako mu kiringo (...)

Miss Burundi yashize ahabona ibigize umugambi wiwe azokorerako mu kiringo c’umwaka

samedi 4 Munyonyo 2017, par Egide NDUWIMANA

Miss Annie Bernice amenyesha ko yiteze gushika ku bitari bike muvyo ategekanya gukora mu kiringo asigaje ari Miss.

«Nta nkeka ko nzoshika kuvyo nemererye abarundi, na cane cane urwaruka rufise impano zitandukanye.»

Kubwa Egide Rushanuka, umuhuzabikogwa w’umugambi wa Miss Annie Bernice, ni igikogwa kitoroshe ariko inguvu z’abegwa n’igisata c’imico n’akaranga zigiye hamwe bogera ku kintu kitari gito.

«Nta nkeka ko turonse abadufata mu mugongo tukongera tugakorana neza n’abasanzwe bari mu gisata c’imico n’akaranga, imigambi twishinze izoshikwako»

Muvyo ategekanya gukora, harimwo gutanguza ikinyanyamakuru gikorera ku ngurukana bumenyi kizofasha gushikana kure ibikorwa vy’urwaruka rufise impano.

Miss Annie Bernice agira ati : «Abenshi mu rwaruka rwacu basanganwe impano nyishi, muga bakazifata minenegwe, ugasanga bazikoresha mu kwiryohera ntihagire ico zibamarira. Umugambi mfise n’uwo kubafasha gushikana kure impano zabo.»

Miss Annie Bernice arategekanya kandi kugirisha amahiganwa y’urwaruka mu mashure, ku busumbane bw’impano, akazogirisha ivyigwa vyo kwongereza ubumenyi urwo rwaruka.

Arategekanya no kuzotegura igiteramo mu ntumbero yo gusangira Pasika n’abatishoboye, agategekanya kandi no gushiraho ikigo cigisha ibijanye n’imico n’akaranga, n’impano z’ugwaruka.

Annie Bernice arategekanya no gushiraho ikigo c’iratiro n’igurisha ry’ivyakozwe n’abafise impano zitandukanye.

Miss Annie Bernice akaba azoheza ikiringo ciwe mu mpera z’ukwezi kwa Mukakaro. Uwo mugambi wiwe ukeneye amafaranga arenga imiriyoni amajana atandatu y’amarundi.


Pacifique BUKURU

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.