IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Mpanda : Ubusuma ku mva z’abantu bubandanya kwibonekeza

Mpanda : Ubusuma ku mva z’abantu bubandanya kwibonekeza

dimanche 6 Munyonyo 2016, par Egide NDUWIMANA

Ubusuma buribonekeza mw’itongo ry’abapfuye ryo ku Mpanda, mu ntara ya Bubanza, aho abantu bataramenyekana basambura imva z’abapfuye, bakiba amabati asakaye izo mva, hamwe n’ibindi bikoresho vyubakishijwe kuri izo mva. Mu giporisi bamenyesha ko bataramenya abakora ubwo busuma.

Bamwe mu bakozi basanzwe bakora igikorwa c’ukwimba ibinogo bishingurwamwo abapfuye bamenyesha ko ubwo busuma bwatanguye kwibonekeza kuva mu kwezi kw’umunani, imva zigera kuri 75 akaba arizo abo bakozi bavuga ko zimaze kuboneka ko zibwe.

"Abantu bataramenyekana barasambura imva, bakiba amabati akoreshwa mu gusakara, bakiba n’ibindi bikoresho nk’ivyuma.", N. J. umwe mubimba izo mva asigura ko ivyo bikorwa ari ubusuma, kuko ivyibwe kuri izo mva bigarukanwa kugurishwa ku bandi baba babuze ababo.

Batatu muri abo abo bimba izo mva bari biketswe ko boba bari inyuma y’ubwo busuma barahagaritswe mu ndwi iheze, ariko bakaba baciye barekurwa.

Mu gihe mu giporisi bamenyesha ko amatohoza ariko arakorwa kugira abakora ubwo busuma bamenyekane, abanyagihugu begereye ahari itongo ry’abapfuye ryo ku Mpanda basaba igiporisi ko cokora ibishoboka vyose ubwo busuma bugahagarara.

"Birateye isoni kubona imva zugururwa, ivyakoreshejwe mu gushingurana iteka umuntu bikibwa, imva zigasigara zirangaye. Abantu ntibacubaha n’ikiziga.", K. E. akabona ko abakora ubwo busuma bari bakwiye kwisubirako.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.