IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Muyinga : Abigeme bane bafashwe bajanwe mu rudandazwa rw’abantu

Muyinga : Abigeme bane bafashwe bajanwe mu rudandazwa rw’abantu

jeudi 16 Munyonyo 2017, par Egide NDUWIMANA

Mw’ishirahamwe ryiyemeje kurwanya urudandazwa rw’abantu, "Observatoire National pour la Lutte contre la Criminalité Transnationale : ONLCT Où est ton frère, bavuga ko Abarundi bagera kuri batatu ku munsi aribo badandazwa mu bihugu bitandukanye, cane cane vyo ku mugabane w’abarabu. Mw’ishirahamwe rijejwe kurwanya urudandazwa rw’abantu basaba Reta y’Uburundi ko yotegura neza amategeko ajanye n’ukuja kurondera akazi hanze y’Uburundi, kuko ku bw’iryo shirahamwe, bikiboneka ko urudandazwa rw’abantu rukibandanya mu yandi mayeri adasa n’aya kera.

JPEG - 85.6 ko
Abigeme bane bafatiwe i Muyinga bajanwe mu rudandazwa rw’abantu

Mw’ishirahamwe ONLCT Où est ton frère bavuga ko mu biharuro bafise, Abarundi barenga 338 aribo bamaze gutwarwa mu rudandazwa rw’abantu kuja uwu mwaka w’2017 utanguye.

Prime MBURUBUKEYE atwara iryo shirahamwe asaba Reta y’Uburundi gutunganya neza ibijanye ukuja kurondera akazi hanze y’Uburundi hamwe n’ugushiraho amasezerano yubahiriza imico n’akaranga vya Afrika, ku bihugu vyo ku mugabane w’abarabu bironderera abakozi mu Burundi.

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.