IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Muyinga: Umuntu umwe yapfuye ahitanywe n’imvura

Muyinga: Umuntu umwe yapfuye ahitanywe n’imvura

jeudi 19 Nzero 2017

Umuntu umwe niwe yitavye Imana, imirima irononekara ,amazu n’amashuri birasambuka muri Komine n’intara ya Muyinga, inyuma y’imvura irimwo igihuhusi yaguye. kuwa kabiri igenekerezo rya 17 Nzero 2017.

Amakuru ava aho i Muyinga, amenyesha ko inzu zirenga 150, hamwe n’amashure matomato n’ayisumbuye yo ku mitumba yo Kw’Ibuye , Kayenzi na Kasenga arivyo vyasambutse,kubera imvura yaguye ivanze n’umuyaga kuwa kabiri igenekerezo rya 17 Nzero 2017 .

Abajejwe intwaro muri Komine ya Muyinga bamenyesha ko kubera iyo mvura hari n’imirima yononekaye, ahanini igizwe n’ibitoke.

Abo bajejwe intwaro basaba abagiraneza gufasha mu maguru masha abanyagihugu baho ku mitumba yahuye n’ivyago, na cane cane mu bijanye n’ibisakazo vy’amazu hamwe n’ibifungurwa, kuko ataho bariko barabikura muri iki gihe.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.