IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > "Nitwumve amaborogo ya benewacu mu makambi y’impunzi" - Patiri Jean Noël (...)

"Nitwumve amaborogo ya benewacu mu makambi y’impunzi" - Patiri Jean Noël NTIRANDEKURA

lundi 4 Kigarama 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu nkuka y’imisa yasomye kuri uwu w’Imana muri Cathedral Regina Mundi, Patiri Jean Noël NTIRANDEKURA yibukije ko Imana yumvira abantu bayiyobokera, bamwe bama barangura ivyo Umukama wenyene abategetse.

"Raba namwe ingene tutacumva impanuro dushikirizwa ngo tuve mu muzimagiza w’inabi. Raba namwe ingene dusigaye dusinzirira mu gicumuro, mbere tukihayagiza ko ata gicumuro turimwo, kandi ibikorwa vyacu bigaragaza ko turi mu gicumuro. N’amajambo dushikiriza kenshi arasosera kandi umenga arimwo umuvumo, tukirata ko turiko turakorera Imana ariko ibikorwa vyacu bikagaragaza ko tutazi Imana na gato. Tukigaragaza ko tuvugira Imana ariko amajambo yacu akarandura umutima."

JPEG - 62.9 ko
Patiri Jean Noel NTIRANDEKURA

Ukwo ni ukuba umuja

Patiri NTIRANDEKURA avuga ko ubuzima nk’ubwo ataho butaniye n’ukuba umuja.

"Erega nuko ni ukuba mu buja, naho twoba turi mu gihugu cacu, ukwo ni ukuba mu buja bw’igicumuro."

Muri iyi minsi y’ubushikiro bw’ukwitegurira kwibuka ivuka rya Yezu, Patiri Jean Noël NTIRANDEKURA ahanura abemera Imana ko bogira ijisho ribona umukene, ijisho ribona umunyororo, ijisho ryumviriza amaborogo y’impunzi, ijisho ryumviriza kandi rikabona uwo wese agenda gusa.

"Ni tureke kwigira sindabibazwa na cane cane muri iki gihe Uburundi burimwo, aho inzara ibica bigacika. Nitwumve amaborogo ya benewacu bishwe na kigoyi, baboroga mu makambi y’impunzi, nitwumve amarira y’abana bo mw’ibarabara, twumvirize n’uwo mubanyi ariko araganya, yugarijwe n’ingorane zitandukanye."

Uwo Musaseredoti avuga ko ukwitaho abari mu ngorone zitandukanye arikwo kuba maso Umukama ashaka. Patiri Jean Noël NTIRANDEKURA aremesha abugarijwe n’ibibazo bitandukanye, ababwira ko Imana itigera iheba abayo.

"Nico gituma Umukama agira afate ingingo, agira atabare abaruhijwe. Naho biri ukozoguma atuma abahanuzi baze kwibutsa ko Imana ari umuvyeyi."


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.