IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ntahiraja: ’’Icegeranyo c’abahinga ba ONU kirimwo ibinyoma’’

Ntahiraja: ’’Icegeranyo c’abahinga ba ONU kirimwo ibinyoma’’

dimanche 12 Ruhuhuma 2017

Umwunganizi w’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu n’inyigisho zo gukundisha igihugu amenyesha ko Reta y’Uburundi itazokwigera yemera gukorana n’umurwi w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ujejwe agateka ka zina muntu.

Mu myiyerekano yatunganijwe mu gisagara ca Bujumbura yo kwiyamiriza icegeranyo c’abahinga b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ku bijanye n’agateka ka zina muntu mu Burundi, Therence NTAHIRAJA yavuze ko ico cegeranyo arico ibinyoma.

Therence NTAHIRAJA umwunganizi w’umushikiranganji w’intwaro hagati mu gihugu n’inyigisho zo gukundisha igihugu yamenyesheje ko ivyegeranyo nkivyo bisohotse kugira bigire ingaruka ku biganiro bibera i Arusha.

Umwunganizi w’umushikiranganji w’intwaro hagati mu gihugu n’inyigisho zo gukundisha igihugu yaboneyeho akaryo ko kubeshuza ko ibitigiri bitangwa vy’abarundi bahunga igihugu kubera bahohoterwa atari vyo.

Mwomenya ko iyo myiyerekano yatunganijwe mu ntara zose z’Uburundi.


IGIHE

Messages

  • Iyo Myiyerekan Nimyiz Itsimbataz Amahor Igasambur Ibinyoma

  • mwaratomboye mutwara intama mujimbere zigakurikira zitaz niyozija iterambere kugihungu nabanyagihugu baz iciz nikib Abahaz ngonimuz mwibarabara naw ukagenda wiruka por san

  • uwutaranigwa agaramye avugako ijuru ririhafi.

  • Murabesha abandi, aba DD muzopfa muyerera nka Gahini

  • Jewe ivyahano muburundi birantagaza! harigihe nibaza kuburundi butwawe nabana!, bikananira kuronka umurwi nobashiramwo!. Mbega kujamumabarabara bizohinduriki? canke bidufashiki twebwe ? canke nugutumutwe, nuguteshumute izimburakimazi zibura gufata umwanya wokuja kubikorwa bakaja gusarira mumabarabara! uwomwanya basara mumabarabara niko ninzara izobasobesha, abobabahenda ntaco bozobafasha nakimwe. Nayivyegeranyo bishikirizwa na ONU nivyukuri nivyukuri, ntabubeshi burimwo, abahohoterwa bariko barahohoterwa biteye ubwoba.

  • Mwabaye gute?uvuzeko bavuze ibinyoma nuko wozana ukuri kwawe,nn ibikorwarusangi mwabihinduye imigumuko?barabaraba neza babe bararwiza ibitaro vyabafise ubumuga bwomumutwe!

  • ONU IRAGATSINDWA IBURUNDI BWANYABURUNGA.PETERO NKURUNZIZA,KOMERA KWIBANGA IMANA YAGUHAYE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.