IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > OIM yateguye inyigisho z’ukugwanya urudandazwa rw’abantu

OIM yateguye inyigisho z’ukugwanya urudandazwa rw’abantu

lundi 22 Rusama 2017, par Egide NDUWIMANA

Crespo Santiago Perez aserukira ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe abimukira (OIM) mu Burundi amenyesha ko izo nyigisho baziteguye kuko kuva mu mwaka uheze wa 2016 habaye ihindagurika ry’ibihe hamwe n’ibindi biza vyatumye haba uruja n’uruza kw’’isi yose, gutyo bituma haba urudandazwa rw’abantu ku rugero runini.

Crespo aserukira OIM mu Burundi yongera kandi akavuga ko iruhande y’izo nyigisho ku ntwazangabo z’igiporisi, iryo shirahamwe risanzwe ritanga imfashanyo ku bakozweko n’urudandazwa rw’abantu na cane cane iyo bagarutse mu gihugu cabo.

Commissaire Hatungimana Jimmy ajejwe igiporisi c’imbibe, amenyesha ko urudandazwa rw’abantu ruriho kandi rukorwa mu buryo bwinshi butandukanye.

Hatungimana yamenyesheje ko urwo rudandazwa mu Burundi ruhari, na cane cane ku bigeme hamwe n’abapfasoni, ivyo bikerekanwa n’igitigiri kinini c’abigeme bari hagati y’imyaka 20 na 35 usanga ku giporisi c’imbibe barondera impapuro z’inzira.

Mu ntumbero yo kugwanya urwo rudandazwa mu Burundi, Commissaire Hatungimana Jimmy amenyesha ko Reta yihaye umugambi wo kutaronsa impapuro z’inzira aho nyene abo bigeme, naho boba barahejeje kwandika umwidondoro wabo, kuko basanze benshi muribo bakoresha urwenge, bakavuga ko bagiye mu miryango yabo muri Afrika y’epfo. Bamaze gushikayo, baca bafata inzira ibashikana mu bihugu vy’Abarabu na cane cane muri Arabiya Saudite hamwe na Omani, nk’uko Hatungimana yabishikirije.

Ku vyerekeye amashirahamwe afasha abo bigeme kugira bashike muri ivyo bihugu, Hatungimana Jimmy amenyesha ko bafashanije n’igiporisi, abo bajejwe ayo mashirahamwe barahagaritswe bongera barashengezwa mu butungane.


Vianney BIKORIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.