IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > OLUCOME yashikirije ivyokorwa kugira Uburundi buve mu ndyane (...)

OLUCOME yashikirije ivyokorwa kugira Uburundi buve mu ndyane burimwo

lundi 29 Rusama 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu rwandiko OLUCOME yasohoye, yagarutse kuri kahise k’igihugu aho iryo shirahamwe rimenyesha ko indyane ziri mu gihugu ari iza kera kuva igihugu kikiri mu maboko y’Abakoroni. OLUCOME imenyesha ko kuva habaye ibiganiro vy’i Arusha, inyishu z’ibibazo zatowe, batashitse ku muzi nyezina w’ibibazo vyari bihari, akaba arivyo bituma indyano zisubiriza.

OLUCOME mu ntererano yayo kugira haboneke amahoro, rihamagarira akarere ka Afrika y’Ubuseruko hamwe n’abantu bose bafise uruhara mu gutorera umuti w’indyane zo mu Burundi gufasha vy’umwihariko kugira hubahirizwe amasezerano y’i Arusha, ibwirizwa shingiro, kwubahiriza ibiringo umukuru w’igihugu atwara atakwisubiriza, hamwe no kwubahiriza ibitigiri bisabwa hakwirikijwe amoko mu kwinjira mu gisirikare kugira bize bifashe abarundi kudasubira mu ndyane za misi yose.

JPEG - 85.1 ko
Gabriel RUFYIRI, umukuru w’ishirahamwe OLUCOME

Ishirahamwe LLUCOME risaba kandi ko hoba harabangiye uguhinyanyura ibwirizwa shingiro kugira abantu bose babifisemwo uruhara, na cane cane abari hanze y’igihugu bazotange intererano yabo, kuko kubwa Gabriel RUFYIRI arongoye OLUCOME, bitagenze gutyo, wosanga barihinyanyuye kubw’inyungu z’umugwi umwe w’abari ku butugetsi muri iyi misi y’indyane.

OLUCOME irasaba kandi ko hoba ingingo zoza zigwanya ukudahana hamwe no kurandurana imizi akarenganyo kiganje mu gihugu, na cane cane mu kudashengeza abicanyi hamwe n’abanyuruza amatunga ya Reta.

Ishirahamwe OLUCOME ribona ko mu gutorera umuti ingorane zihanze igihugu c’Uburundi, ko hoba ukugondoza Reta ikugurura amaradiyo yingega kugira abanyagihugu bamenye amakuru, gufungurura impfungwa za poritike hamwe no gufuta imitahe ku barongozi bamwe b’imigambwe itavuga rumwe na Reta hamwe n’abarongozi b’amashirahamwe adaharanira inyungu za poritike.

Mu kurangiza, ishirahamwe OLUCOME risaba ko mu gutora inyishu z’ingorane zihanze igihugu, hoba ukwitwararika umuzi nyezina w’indyane, kugira ntizizosubire kwibonekeza, nk’uko biguma biba, iryo shirahamwe rigahamagarira abafise uruhara mu gutorera umuti ikibazo c’Uburundi kwitwararika inyungu z’Abanyagihugu, kuko ingaruka zose ziba zigwa kuri bo.


Vianney BIKORIMANA

Messages

  • BAMUREKA GUHENGAMA KUK MUVUGA BIMW IBIND MUKAVYIRENGAGIZ UWAGOMVY GUTEMBAGAZ UBUTEGETS BWATOW NABANYAGIHUG YAGZ NEZA? KIRAZIRA GUHENGAMA NIMB URUMUSHINGANTAH UWABIKOZ NABIHANIGW KUK IGIH COGUSESA AMARASO CARARENGANYE

  • emwe mwavuga ntimwavura mutama. reka tubatamike ntakundi iyishetani yateye hazavyinshi. nayo avuga abashatse gutembagaza umutegetsi, uwugazie amahigwe agaca muwambere cane yagamukama, arazi guharurira 1, 2, 3. abashigikira namagogwa twaboneye ibuga, ahotwumvikanako atawuzorenza ibiringo 2 vyugutwara,

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.