IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > OLUCOME iribaza namba amatora mu Burundi yabaye ikiza

OLUCOME iribaza namba amatora mu Burundi yabaye ikiza

mardi 12 Kigarama 2017, par Egide NDUWIMANA

Mw’ishirahamwe OLUCOME bamenyesha ko abanyagihugu bahamagarirwa guterera Reta iyo habaye impanuka zikomeye zivuye nko kw’ihindagurika ry’ibihe, canke iyo ingwano yateye, nk’uko ibwirizwa nshingiro ribivuga. OLUCOME ikibaza namba amatora yabaye ikiza.

Ishirahamwe OLUCOME risaba Reta y’Uburundi guhagarika ingingo yo gusaba abanyagihugu guterera amatora ya 2020. Bitagenze ukwo naho, muri OLUCOME bavuga ko bazokwitura ubutungane.

Nk’ukwo biri muri urwo rwandiko, ishirahamwe OLUCOME rishikiriza ko ritangazwa n’ingene Reta iriko ishira imbere guterera amatora kandi abarundi basanzwe bafise izindi ngorane zoshizwe imbere .Aho muri OLUCOME bashikiriza nk’ikibazo c’ubukene bavuga ko cugarije abarundi aho benshi bafungura rimwe ku munsi, ubushomeri bwabaye ndanse, ubunyonyezi n’igiturire vyiraye, n’ibindi.

Ishirahamwe OLUCOME rikibaza aho abarundi bazokura ayo mafaranga y’amatora, mu gihe kubwa Gabriel RUFYIRI arongo iryo shirahamwe, Reta nyene iguma iduza ibiciro kuvya nkenegwa bitari bike nk’umuyagankuba, isukari, igitoro, n’ibindi.

JPEG - 46.9 ko
Gabriel RUFYIRI, umukuru w’ishirahamwe OLUCOME

Mu gihe ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu no gukundisha igihugu bwasohoye itegeko rigenga uko amahera yo guterera amatora azotangwa, muri OLUCOME bamenyesha ko abanyagihugu bahamagarirwa guterera Reta iyo habaye impanuka zikomeye zivuye nko kwihindagurika ry’ibihe, canke iyo ingwano yateye, nk’uko ibwirizwa nshingiro ribivuga. OLUCOME ikibaza namba amatora yabaye ikiza.

Mw’ishirahamwe OLUCOME bavuga ko badatahura ingene Reta igaruka igasaba abanyagihugu guterera amatora kandi mu nteguro y’itegeko rigenga amafaranga Reta izokoresha mu mwaka wa 2018, amafaranga arenga imiriyaridi 7 ariyo yagenewe amatora. Kubwa OLUCOME, ugusaba abanyagihugu ko boterera amatora, ni ubunyonyezi bwimirije gukorwa izuba riva.


Pacifique BUKURU

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.