IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ishirahamwe OLUCOME risaba Reta y’Uburundi kudashiraho amakori (...)

Ishirahamwe OLUCOME risaba Reta y’Uburundi kudashiraho amakori y’umurengera

mardi 24 Gitugutu 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu nteguro y’itegeko rivuga amafaranga Reta izokoresha mu 2018, umukuru w’ishirahamwe OLUCOME Gabriel RUFYIRI asaba ko abanyagihugu batosubira gusabwa amakori n’amatagisi y’umurengera.

"Twagomba guca dusaba ko ibintu vy’amakori n’amatagisi birenze bitosubira kuvugwa kugira umunyagihugu abe ariwe ashirwa imbere mu bintu vyose."

Gabriel RUFYIRI arongoye OLUCOME avuga ko muri iyo nteguro, Reta yotegekanya amafaranga azokenerwa mu matora yo 2020, kugira ayo mafaranga ntarinde gusabwa abanyagihugu, nk’uko Reta y’Uburundi iheruka kwemeza ishirwaho ry’itegeko rivuga ko abanyagihugu bose boterera amatora yo mu 2020.

Inama idasanzwe y’abashikiranganji yakoranye kugira yigire hamwe integuro y’itegeko ry’amafaranga Reta y’Uburundi izokoresha mu mwaka w’2018 mu gihe uwo mwaka usigaje amezi abiri. Mw’ishirahamwe OLUCOME bavuga ko naho biri ukwo ari intambwe itari bwashikweko kuva mu mwaka w’2005, kuko iryo tegeko ryahora ryigwa hasigaye ukwezi kumwe kugira umwaka uhere.

"Kuva umugambwe CNDD FDD utwara igihugu mu 2005, ni ubwa mbere iryo tegeko barengeje ukwezi kumwe kw’ukuryiga."

Gabriel RUFYIRI naho nyene avuga ko amategeko atubahirijwe.

"Mugabo navyo ntibisigura ko bikosoye kubera ibwirizwa shingiro ry’Uburundi rivuga ko iryo tegeko ritegerezwa kuba ryashitse mu nama nshingamateka mu minsi ibiri canke itatu y’ukwezi kw’icumi, ariko murabona ko ukwezi kwa cumi guheze, n’uno munsi iryo tegeko ntirirashika mu nama nshingamateka. Ivyo rero nk’uko dukunda kubivuga mw’ishirahamwe OLUCOME, ni ikimenyetso cerekana neza ko ivyo kwubahiriza amategeko, ivy’intwaro ibereye kenshi na kenshi bidakurikizwa."

Umukuru w’ishirahamwe OLUCOME asaba abatwara kwubahiriza amategeko, kuko ku bwiwe, amategeko ariyo ahuza umutegetsi n’umunyagihugu.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.