IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > u Burundi > OLUCOME yerekanye utunenge twibonekeje mu gikorwa c’imyiyamamazo

OLUCOME yerekanye utunenge twibonekeje mu gikorwa c’imyiyamamazo

Wednesday 16 May 2018, by Jean De Dieu

Mw’itangazo ishirahamwe OLUCOME ryasohoye kw’igenekerezo rya 16 Rusama 2018, OLUCOME rimenyeshako ivyo bikorwa vyakozwe bihonyanga ibwirizwa nshingiro kuko ingingo ya 69 ivuga ko amatungo ya Reta ategerezwa kwubahirizwa kandi agakingirwa.

Muri ryo tangazo, Gabriel RUFYIRI arongoye OLUCOME avuga ko mu gihe iryo tegeko ritubahirijwe canke hakaba kudandaza amatungo ya Reta ,igiturire,kunyuruza amatungo canke igikorwa cose kiza conona ayo matungo vyategerezwa guhanwa n’itegeko ribijejwe.

OLUCOME irangiza itera akamo Reta guhindura ingendo kugira yisunge itegeko rikingira amatungo ya Reta n’uburyo bwayo,imigambwe nayo iterwa akamo n’iryo shirahamwe guheba gukoresha imiduga ya Reta n’ubundi buryo bwayo mu bikorwa vyo kwiyamamaza hamwe no guheba gutwara abanywanyi babo mu miduga itagenewe kwunguruza abantu.


Bikorimana Vianney

Forum posts

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.